IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwuburanira Colonel Richard Hagabimana amenyesha ko uwo aburanira (...)

Uwuburanira Colonel Richard Hagabimana amenyesha ko uwo aburanira yahohotewe

mercredi 12 Myandagaro 2015

Umushingwamanza Alexis Anagnostakis aburanira colonel Richard Hagabimana amenyesha ko uwo aburanira apfungiwe mw’ibohero ryo mu ntara ya Muramvya yahohotewe.

Colonel Richard Hagabimana yahagaritswe kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2015 inyuma y’isakwa ryakozwe ku muhana iwe,aca ajanwa mw’ibohera mu ntara ya Muramvya yagirizwa kwanka kuja mu gikorwa co kubuza imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w ‘igihugu Petero Nkurunziza.

Alexis Anagnostakis avuga ko mu gihe c’imyiyerekano uwo aburanira yasabwe n’abamukurira gukoresha inguvu no gukora amabi mu kubuza imyiyerekano nawe aravyanka,ari naco gituma mu minsi icumi yamaze mu biro vy’igendereza yahohotewe gushika kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro aho yajanywe gupfungirwa mu ntara ya Muramvya.

Umushingwamanza Alexis Anagnostakis amenyesha ko ubu uwo aburanira colonel Richard Hagabimana akurikiranwa ku caha co kugira uruhara mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ryabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,kandi atari vyo.

Kubwiwe,igituma conyene apfunzwe nuko yanse gukorera amabi abari mu myiyerekano,kandi bikaba biboneka ko ariko azira imvo za politike,ari naco gituma ipfungwa ryiwe ridakurikije amategeko.

Alexis Anagnostakis asaba ko colonel Richard Hagabimana yorekurwa,hanyuma amtohoza mpuzamakungu agatangura kw’ihohoterwa ryakorewe uwo aburanira,abo kwagirwa nico caha bakajanwa imbere y’ubutungane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.