Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwurongoye sendika SYGECO yitavye ubutungane
Uwurongoye sendika SYGECO yitavye ubutungane
lundi 11 Ruhuhuma 2013
Uwuburanira uwurongoye sendika SYGECO y’abadandaza amenyesha ko yagirizwa kubeshera no gutuka ishirahamwe ry’amabanki. Audace Bizabizaka arongoye SYGECO avuga ko ari iterabwoba ariko aragirirwa.
Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO yashitse muri Parike nkuru y’igisagara ca Bujumbura isaha 4 n’iminota 30 z’agatongo kuri uyu wa mbere. Yabajijwe kubijanye n’ amajambo yavuze hamwe n’amakete yanditse ku vyerekeye ishirahamwe ry’amabanki Burundi.
Yagirijwe ko ivyaha 3 harimwo gutukana, gutyoza, kwararaza no kurengera akarimbi ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi ryitwa mu gifaransa ‘’Association des Banques et Etablissements Financiers’’. Vyo ngo biri mu nyandiko yashize ahabona hamwe n’ibiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
Uwumuburanira Maitre Wenceslas Bandyatuyaga avuga ko berekanye neza ko ivyo vyaha atavyo Audace Bizabishaka yakoze. Ngo agiye kurondera ivyerekana ko yera cane cane inzandiko yashize ahabona hamwe n’amajwi y’ivyo yagiye arashikiriza ku maradiyo.
Ahejeje kubazwa n’abacamanza, Audace arongoye sendika y’abadandaza SYGECO yavuze ko ari iterabwoba ariko aragirirwa ariko ngo ntabwoba afise bwo guharanira inyungu z’abadandaza. Asigura ko ku mutahe wo kumurengutsa hari handitseko izina ryiwe gusa kandi yategerezwa kurengutswa nk’uwurongoye SYGECO kuko ngo ivyo yashikirije canke yanditse yabikoze kw’izina ry’umukuru wa SYGECO.
Yongera ko amaze kuronka n’ayandi makuru amutera ubwoba inyuma yaho sendika SYGECO arongoye ifutiwe n’ubushikiranganji bw’akazi. Asaba ko nyabuna hoba ibiganiro vyotuma iyo sendika isubira kwemererwa n’amategeko.
kw’ifoto:Audace Bizabishaka arongoye SYGECO
Pierre Claver Niyonkuru