Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwurongoye umugambwe FNL Emmanuel Miburo yagenywe kurongora imigambwe yose (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Uwurongoye umugambwe FNL Emmanuel Miburo yagenywe kurongora imigambwe yose (...)

Uwurongoye umugambwe FNL Emmanuel Miburo yagenywe kurongora imigambwe yose itavuga rumwe na Reta

jeudi 24 Nzero 2013

Umukuru w’umugambwe FNL Emmanuel Miburo yaragenywe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Nzero umwaka w’2013,ngo arongore imigambwe itavuga rumwe na Leta.

Ivyo rero bikaba vyavuzwe mw’itangazo ryashizwe ahabona n’imigambwe 14 ihurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Leta kuri uyu wa gatatu nyene,ivyo rero ngo bikaba vyakozwe vyumvyikanyweko n’iyo migambwe yose , mu ntumbero yo gushiraho uburongozi bw’abatavuga rumwe na Leta bwemewe n’amategeko .

Ivyo ngo bikaba biri mu nomero 1/25 y’itegeko ryo muri Munyonyo umwaka w’2012 rigenga imigambwe itavuga rumwe na Leta.

Ariko rero imigambwe ihurikiye mu runani ADC –Ikibiri ntiri mu rutonde rw’abemeje uwo mukuru mushasha,kuko yoyo irongowe na Léonce Ngendakumana,abari mu runani ADC bakaba bataramwiyamiriza.

Kubwa Fréderic Bamvuginyumvira,icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU ngo igikenewe n’uko umukuru w’igihugu yomenyesha vuba ibizohinduka mw’ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi.Kuvyerekeye igituma ADC-Ikibiri ititavye inama yambere yatunganijwe na CENI ku bazokwitaba amatora yo mu 2015,Fréderic Bamvuginyumvira yavuze ko hakenewe ko babanza kugira ico bavuze kuri iyo CENI ngo kuko yagiyeho mu buryo badashigikiye.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.