Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wilfried Bony ubu abarizwa mu murwi wa Swansea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Wilfried Bony ubu abarizwa mu murwi wa Swansea

Wilfried Bony ubu abarizwa mu murwi wa Swansea

dimanche 14 Mukakaro 2013

Umusatirizi aturuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire Wilfried Bony yaremeje amsezerano yo gukinira umurwi Swansea gushika mu mwaka w’2017. Uwo mukinyi w’imyaka 24 y’amavuka yaje muri uwo murwi ava muri Arnhem yo muri Pays-Bas, akaba yaguzwe amafaranga agera ku miliyoni 13,9 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Ayo mafaranga abeye menshi ubwa mbere aguzwe umukinyi muri uwo murwi wa Swansea.
Inyuma y’amatsinda abiri mu gihugu ca Pays-Bas, Wilfried Bony yateye umukono ku masezerano na Swansea igenekerezo rya 11 Mukakaro 2013.

Amafaranga baheruka gukoresha menshi mu kugura umukinyi akaba ari imiliyoni 5,5 z’amanyaburaya yaguzwe umukinyi wo mu gihugu ca Espagne Pablo Hernandez.

Muri uwo murwi wo mu cicero ca mbere umenyerezwa na Michael Laudrup, umusatirizi Wilfried Bony yamenyesheje ko we na bagenzi biwe bagiye gukora ibishoboka vyose kugira banezereze abakunzi babo.

Mw’itsinda ryo mu mwaka uheze mu gihugu ca Pays Bas, mwomenya ko Wilfried Bony yarangije ariwe afise ibitsindo vyinshi kuko yatsinze ibitsindo 31 vyose mu nkino 30 gusa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.