Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Winnie Mandela yatashe zirayoye mubagabuye amatunga yasizwe na Nelson (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Winnie Mandela yatashe zirayoye mubagabuye amatunga yasizwe na Nelson (...)

Winnie Mandela yatashe zirayoye mubagabuye amatunga yasizwe na Nelson Mandela

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’ukwezi kurenga Nelson Mandela yitavye Imana, amatunga n’ivyipfuzo vyiwe vyarashizwe ahabona ku munsi w’ejo ku wa mbere igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2014. Amafaranga Nelson Mandela yasize aharurwa mu miriyoni 46 z’amafaranga y’ama rands akoreshwa mu gihugu ca Afrika y’epfo, ni ukuvuga hafi imiriyaridi zitanu z’amafaranga y’amarundi. Nelson Mandela yasize yanditse ko amafaranga yari atunze azosangirwa n’umuryango wiwe wose.

Kuva Nelson Mandela yitavye Imana, umuryango wiwe waciye utangura kuryanira ibisigi, cane cane hagati y’abana b’umugore wa mbere n’ub’umugore wa nyuma Graça Machel.
Nelson Mandela yasize yanditse mu gitabu c’impapuro mirongo itanu, amenyesha uko amatungo yiwe yogabanganwa. Abana biwe, abuzukuru, umugore wiwe, abakozi yakoresha muhira iwe, amwe mu mashure ya kaminuza Mandela yizeko (université de Witswatersrand) n’ayisumbuye y’i Qunu igisagara Mandela yavukiyemwo, abo nibo bagiye gusabikanya ubutunzi bwasizwe na Nelson Mandela.
Georges Bizos, umushingwamanza araba ivy’agateka ka zina muntu, akaba n’umugenzi wa Nelson Mandela, amenyesha ko uwo muhisi atibagiye amashure mubazosabikanya ubutunzi bwiwe, kuko yamye ashira imbere ubumenyi n’indero nk’ibintu bitura vyose.

Ica kabiri c’amatunga ya Nelson Mandela cegukiye umupfasoni wiwe wa nyuma Graça Machel

Ibice mirongo itanu kw’ijana vy’ubutunzi bwa Nelson Mandela vyatahukanye umugore wiwe wa nyuma Graça Machel. Muri ivyo bice, harimwo inzu iherereye muri Houghton, aho Nelson Mandela yasandabiye. Iyo nzu yaheruka gutera impari hagati y’umuryango wa Nelson Mandela, abana n’abuzukuru biwe bakaba bari bamaze iminsi babwiriza Graça Machel ko yosohoka muri iyo nzu y’umuryango.

JPEG - 45 ko
Graça Machel

Inzu nayo ya Nelson Mandela iherereye i Qunu, mu kibanza yashinguwemwo yashikirijwe abamukomokako bose (Fondation familiale Nelson Rohlilala Mandela Family Trust). Mu vyipfuzo vya Nelson Mandela, abamukomokako bose bazohora bahahurira kugira bamwibuke kandi "bagumane ubumwe" nk’uko yasize abibasavye.

Mwomenya ko Winnie Mandela, umugore wa kabiri wa Nelson Mandela basanzwe bahukanye kuva aho aviriye mw’ibohero, ata kintu na kimwe Nelson Mandela yasize yanditse ko bazomuha muri ayo matunga yiwe yose.

JPEG - 21.6 ko
Winnie Mandela

Egide Nduwimana

Messages

  • Yego muyavuze uko babitangaje erega uriya mu maman ntaco yafashije nyakwigendera.mandela usivye kumuca inyuma amugurisha mubisambo nukuryamana ubusuma bw’isoweto arico grece mashelle we yagumye mpande ya mandela gushika y’itavy’imana mbese nuyu munsi ntarigera ava munzu yamusizemwe.machell guma murugo rwu musaza yagusigiye wabay’itwari y’umuma wa mozambike.nu w’africa yose.hamwe n’isi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.