IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yakatiwe gupfungwa umwaka kubera gukubagura akayabu

Yakatiwe gupfungwa umwaka kubera gukubagura akayabu

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Umusore w’imyaka 24 yaraciriwe igihano n’umushikirizamanza wa Republika w’i Marseille mu gihugu c’Ubufaransa, igihano co gupfungwa umwaka kubera yafashe akayabu agaterera hejuru, agaseka ku mpome yisubiriza.

Igenekerezo rya 22 Nzero 2014, Farid de la Morlette, yatangaje ku murongo wiwe wa Facebook amasanamu« Vidéo» 2 yababaje cane abasomyi b’amakuru kuri Facebook. Ayo masanamu yerekana uwo musore afashe akayabu gatoyi k’amabara yera n’umugina kitwa OSCAR, agaterera hejuru nko ku metero zirenga 10 mu kirere, gakoroka agaterera ku mpome z’inzu, agaterera hejuru kw’igorofa gushika naho gateba kakavunika ukuguru katagishobora kuva aho kari aca agaterera mu gisaka, aheza yibandaniriza urugendo.

Kuri uwu wa mbere uheze w’igenekerezo rya 03 Ruhuhuma 2014, Farid de la Morlette yararengutse imbere y’umushikirizamanza wa Republika w’i Marseille. Muri urwo rubanza abamwagiriza baje bitwaje ya masanamu amwerekana ariko akora ico caha. Farid, nta jambo ryo kwiregura ku caha yagirizwa. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru La Provence, uwo musore yagumye yunamitse amaso kubera isoni n’ibimaramare, imbere y’isinzi ry’abantu bari baje kwumviriza urubanza. Niko rero gukatirwa umunyororo y’umwaka ku caha c’uko yafashe ikinyabuzima nk’igikoresho. Umushikirizamanza ati : « Ibikoko si ibikoresho bitagira akamaro, ni ibinyabuzima kandi bibabara."

Hejuru y’ico gihano, Farid yaranabujijwe gutunga igikoko. Nk’uko ico kimenyeshamakuru kibandanya kibivuga, si ubwa mbere uwo musore yagiriwe n’icaha co guhohotera ibikoko kandi yaramaze no kubipfungirwa. Kubw’ivyo, amashirahamwe aharanira agateka k’ibikoko arimwo abantu imiriyoni 30, n’ayandi mashirahamwe yari yaje gukwirikirana urwo rubanza yamenyesheje ko ico gihano kidakwiye, ahubwo yokatirwa umunyororo w’imyaka myinshi. Abantu 200 baciye baja mu myiyerekano imbere ya sentare basabira igihano gishasha Farid de la Morlette.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.