Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yasubiriye kubonana n’umuhungu wiwe inyuma y’imyaka ibiri batazi aho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yasubiriye kubonana n’umuhungu wiwe inyuma y’imyaka ibiri batazi aho (...)

Yasubiriye kubonana n’umuhungu wiwe inyuma y’imyaka ibiri batazi aho ari

mardi 20 Rusama 2014

Umuvyeyi yatoye umwana yari amaze imyaka ibiri atazi irengero ryiwe, inyuma y’isanganya ry’ubwato ryari ryabaye arimwo bagiye mu bihugu vya buraya.

Inyuma y’aho bagiriye isanganya mu bwato barimwo bugiye mu bihugu vya buraya, Kadija, umukenyezi w’imyaka 42 y’amavuka ntiyasubiriye kumenya irengero ry’umuhungu wiwe kuko baciye batandukana.
Kadija, ni umukenyezi aturuka mu gihugu ca Congo, yahuye n’amakuba y’intambara yabereye mu gihugu ciwe yatumye n’umuryango wiwe wose uhasiga agatwe. Inyuma yo kunyuruzwa n’abaroberi bakamwononera ubuzima mu kiringo c’iminsi umunani, yaciye yigira umugambi wo guhunga igihugu. Niko gufata inzira aciye mw’ishamba imushikana mu gihugu ca Algeriya, urugendo rwamutwaye imyaka itatu kubw’ibirometero bishika 5000 vy’ubugararwa bihari yagenze n’amaguru.

Amaze gushika mu gihugu ca Algeriya, ntiyorohewe, yabandanije aba mu buzima bugoye, aca ahibarukira umuhungu wiwe Ridji, inyuma y’imyaka itanu aca ahitamwo gufata urugendo rumujana mu bihugu vya buraya. Naho nyene ntivyamworoheye kubera ko yari yibungenze kandi ko yategerezwa no kuriha amafaranga ashika ku 500 y’amanyaburaya kugira ashike ku wundi mugabane. Niko guhura n’umuntu amubwira amuhe umuhungu wiwe amumutwaze, ijisho rica riba iryo.
Inyuma y’imyaka ibiri niho yamenya ko umuhungu wiwe yari yarashikanywe mu gihugu c’Ubufaransa n’uwari yaramusavye ko yomumutwaza bakiri mu gihugu ca Maroc.

Nyina akavuga ko muriyo myaka ibiri, atazi irengero ry’umuhungu wiwe, yahatswe kenshi kwiyahura ku bw’intuntu n’umubabaro vyo kubura umwana wiwe.
Mwomenya ko Kadija bitamworoheye kuvugana n’umuhungu wiwe Ridji kubw’indimi zabo zitari zigihura.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.