Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yataye ibiro birenga 40 kugira aze avyarire mu mazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yataye ibiro birenga 40 kugira aze avyarire mu mazi

Yataye ibiro birenga 40 kugira aze avyarire mu mazi

samedi 3 Nzero 2015

Umunya Ecossaiya w’imyaka 25 y’amavuka ku biro 108 yarafise, yataye ibiro birenga mirongo ine na bine mu mezi cumi n’abiri gusa, kugira bikunde ko avyarira mu mazi.

Inyuma yaho abaganga bamubwiriye ko icipfuzo ciwe co kuvyarira mu mazi kitazokunda kubera ubunini burengeje afise, yaciye yigira umugambi wo guta ibiro uburyo bwose bishoboka. Rachel Reid aturuka mu gihugu ca Ecossaie, mu gihe yari yibungenze umwana wiwe wa kabiri, yagiye yumva abaforoma bamubwiye ko bitazokunda ko avyarira mu mazi kubera ubunini burengeje afise. Ku bw’abo baforoma, Rachel Reid yarafise ibiro birengeje vyari gutuma badashobora no kumukura mu mazi agahava anaherayo inyuma yo kwibungenga.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu gihugu aturukamwo, Rachel Reid yavuze ati : « Nari numva ntakicikunda, numva ntakiri mwiza, nkibona nsa n’umwana aguma yifungurira atakindi akora. Naramaramaye, mbura naho nkwigwa inyuma yaho bambwiriye ko mfise ibiro 40 birenga kuvyo nategerezwa kugira bituma batonshobora no kunterura inyuma yo kuvyara. N’ishavu n’akantu nca ndondera uburyo bwose nogira nte ibiro mfise ».

Uwo munya Ecossaiya amaze kuvyara umukobwa wiwe Hollie, yaciye afata ingingo
abifashijwemwo n’umuryango, yo kubandanya umugambi yari yarihaye wo guta ibiro. Inyuma y’amezi atatu avyaye, yarataye n’ibindi biro bitatu, aja ku biro 57.

Mwomenya ko gushika n’ubu Reid akibandanya intumbero yihaye, akaba mbere yiteguriye no kuja mw’ihiganwa rya mbere ryo kwiruka muri marathon muri uno mwaka twatanguye w’i 2015.


Mariella Bukuru

Messages

  • Arahhaze sha .......mbe aba dame baba nyafrica ko bavyara bafise ibiro nkivyo..umwana ntashika?...Igihe turagutumye udufashe utubarize Bonesha Fm mbe ama emmission MUBIVUZE KW,,IKI..NA INKURU Y,INVAHO KO TUtakibikwirikirana twebwe tubaye kure kure cane nukuvuga mumahanga na cane cane abari Australie..turasavye tubarize

  • emwe abarundi turazi kurementanya nukuvuga nabi mwambik ibara abantu? Pacific nininahazwe ntarasa arakebura,mbe imbonerakure zarinjiye mugisikere?mubonera abasoda dufise ntibashoboye,hama bagumyabanga baba dd muze mureka kuremantaniriza abantu umenga niyo ideologie yumugambwe wanyu mufise vyarabananiy kuko ubwanyu ntabanga mufise

  • Ivyobintu ntahovyakabaye mbekohari abamama bavyibushe kurenza ivyobiro nokudashitsa iyomyaka kobibaruka atakibazo bagize? Nkakarorero aba mama bomuri africa yetfo nibaninicane kandi baribaruka ntangorane bagira kotajakuvyarira mumazi uwowewe avyarira mumazi sumuntu nyamba arisamaki nizozivyarira mumazi

  • ivyo ntibishoboka.none ico nico cotuma avyarira mumazi?

  • Uwo mugambi yihaye nimwiza! mugabo Ubuzima butangwa n’Imana kuko ntawutegura ngo ejo nzoba ndiho nukwama twitwararika gusenga kugira Imana ituronse ivyo twipfuza!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.