Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yohani Minani agiye kwitwarirwa mu butungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yohani Minani agiye kwitwarirwa mu butungane

Yohani Minani agiye kwitwarirwa mu butungane

lundi 15 Nyakanga 2014

Amabendera, indirimbo hamwe n’ibindi bimenyetso biranga umugambwe Sahwanya FRODEBU nivyo vyakoreshejwe mu nama y’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri, nk’uko abari muri uwo mugmbwe babivuga.

Fenias Nigaba avuga ko bagiye kwitura ubutungane, bitwarire muganga Yohani Minani kubona yakoresheje ibimenyetso vyabo, mu nama y’umugabwe wiwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye. Avuga ko amategeko yahonyanzwe asanzwe agenga imigambwe. Nigaba akavuga ko kandi Ndayizeye Domisiyano yari muri iyo nama nk’umunywanyi w’umugambwe wa Nyakuri, ariko bakababazwa n’ukubona hakoreshejwe ibimenyetso vy’umugambwe wabo. Muri iyo nama yabereye mu Rushubi muri komine ya Isale, hakaba harimwo na bamwe mu bahoze barongoye ibisata bimwe mu mugambwe FRODEBU, ariko bivugwa ko birukanywe muri uwo mugambwe.

Ivyo vy’izo nziraguhemuka zirukanywe muri FRODEBU zigaca zigira muri FRODEBU Nyakuri harimwo n’umukenguzamateka Ndayizeye Domisiyano, bakavuga ko ataco bizoshikako, mu gutuma umugambwe wa Ndadaye ugoyagoya, mu gihe uwo mukenguzamateka bamwagiriza ko amaze imyaka ine atinjira ku biro bikuru vy’umugambwe, hamwe no kudatanga intererano co kimwe no gushaka guhamba uwo mugambwe wa Ndadaye.

Aristide Nizigire

Messages

  • Umutwewinkuru mukwandika mwari kwandika ngo: Muganga (Dr) Yohani Minani.

  • Ahubwo Mbona Mupfubusa Aho Ntimubona Ko Vyananiranye?Injira Mu Mugambwe Utazokwirukanwa Wa Yesu Kristo Ikigeretseko Mwihane Ivyaha Inyungu Yavyo Muje Mwijuru Nuko

  • Joseph ndagushimiye kurico c’iyumviro cawe muruwo mugambwewa Yesu Kristo ntaba kurikira abandi nko muriyo yiwanyu twese turi abakozi kandi ikigeretseko twaratsinze amatora haciye 2000 ans.Kandi ntituzosubira gutsindwa.Nyaruka mwinjire muri benshi.Ibwirizwa rigenga uwo mugambweni Bible.

  • Narayembabaye cane gose mbonye umuntu nubaha nka domisiyano aguye mumutego atazovamwo.Yaragize Imana aronka kiyosike kitaronka beshi arasubira aronka akaguriro iruhande ,yakiyosike none ariko akora mujisho Imana None azosubira kwicara kuriyantebe yo kuri mosio gikungu.Nyakubahwa nkunda kandi nubaha,jewe ndabazineza cane mutarashingwa amabanga namwe mugihugu.Nagirandababwire ndabahanura Jewe sindi mu mugambwe numwe kandi sinigeze nja mu mugabwe numwe .ariko ndatora guko nuburenganzira bwanje.Jewe ndandaye naragiriwe ubuntu ndaganira nawe ndicarana nawe,igihe kinini nij enamukorera PEUGOT Yiwe.Urumva nkonduwakera,nagirandakwereke amakosa yambere wakoze unyihanganire guhanura ugusumba sibibi ikibi nukumutuka.Ntiwigeze ububwa nivyo Imana yaguhaye icahacambere,uribagiye vuba ahowavuye kuko mumugabwe wandandaye ntiwarihafi kuburyo wiyumvira kowoba umukuruwigihugu.iyo utagira imana ngo bagandagure bakurubawe,sinzikonoba mvuzenabi murambabarira,Noneraba waraye ugiye guteranya abenegihugu,ubacanishamwo birekere Minani abifisemwo uburambe.Kwimana yaguhaye kiyosike ikaguha nizo wandikako abana yishimire ubandanye usenga izoguha nibisumba uraziko ubutegentsi wama ubwitorera aho babutaye.Iyaguhaye izokongera ariko usazire abarundi neza nagira ndakwibutse ko mubarundi baribakivugwa neza ariwe warusigaye .Nureke kwiyambika ibara, ndangije ndakwifuriza guhindura Ivyiyumviro.IMANA IBANE NAWE NABARUNDI BOSE.

  • @@uwamahoro, inashaka kukubwirako wihenze yatoya, kuko nabandi buracabaromoka rindiramatora azobikwemeza wawaba udafise ingengabitekerezo wamuganiwababanyi warikutubwirako LEONCE ariwe ntangoyavyose.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.