IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Annonce > Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwatanze ikiringo ntarengwa co (...)

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwatanze ikiringo ntarengwa co kumenyesha ibibanza

mercredi 14 février 2018

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Ramadhan NKURIKYE, rimenyesha ko uwo iryo sango rizorengana atarabimenyesha azocibwa igihano co gutanga kuva kuri 10 kw’ijana gushika kuri 50 kw’ijana ry’ikori yotanze naho uwuzomenyesha ibitarivyo azocibwa ihadabu ingana n’ibice 100 kw’ijana ry’ikori yotanze.

Iryo tangazo rivuga ko, ikori ritangwa mu gihe uba utwaye urupapuro rwerekana ivyo utungiye hano mu gisagara atar’uko naho umuntu aca atanga ihadabu kuva kuri 10 kw’ijana hamwe na 1 kw’ijana buri kwezi umuntu aba yacerewe.

Impapuro zo kwuzuza ivyo umuntu afise asabwa kurusanga mu biro inomero 34 iri kw’ibarabara ryitiriwe Kaminuza kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa gatanu mu masaha ari hagati y’isaha imwe n’igice z’agatondo,gushika isaha cumi n’imwe z’umugoroba.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.