IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Annonce > Umuryango wa Clovis Ngabirano ukwije iminsi ine utazi irengero (...)

Umuryango wa Clovis Ngabirano ukwije iminsi ine utazi irengero ryiwe

Wednesday 8 November 2017, by Jean De Dieu

Uwo mu muryango wa Clovis NGABIRANO avuga ko uwo musore yafatiwe mu Kamenge mu bunywero buzwi kw’izina rya "Le Social". Ababonye ifatwa rya Clovis Ngabirano bamenyesha ko yafashwe n’abantu babiri bambaye impuzu z’igiporisi, ajanwa mu kibanza kitaramenyekana.

Uwo mu muryango w’uwo yafashwe abandanya yemeza ko barondeye mu busho bwose, ariko ko batarabona uwabo.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amakuru y’ifatwa rya Clovis Ngabirano bayahawe n’umuryango wiwe kuri uwu wa kabiri, ko amatohoza yatanguye, kugira mu giporisi bamenye aho Clovis Ngabirano ari.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko uwo musore atafashwe n’igiporisi canke iperereza, akavuga ko mu matohoza ariko arakorwa bariko basuzuma ko atoba yanyurujwe n’abandi bantu.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.