IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Annonce > AKAMO K ‘ABAKOZI B’ISHIRAHAMWE TEMPO AFRICELL

AKAMO K ‘ABAKOZI B’ISHIRAHAMWE TEMPO AFRICELL

jeudi 12 Ntwarante 2015, par Jean De Dieu

Nyakubahwa Mukuru w’igihugu c’uburundi.

-  Twebwe abakozi b’ishirahamwe Tempo Africell, turi n’iteka ntangere ryo kubitura tubamenyesha y’uko twaguye mu gahundwe twumvise itangazo ryasohowe n’ishiramwe ARCT rivuga ukwugara umuhora wo gutumatumanako,

-  Twashaka kubamenyesha y ‘uko twatangajwe niryo tangazo ritajanye n’ukuri kukuntu ishirahamwe ryacu ribayeho,

-  Mu myaka 15 rimaze rikora neza mu burundi kandi risahiriza ubutunzi n’iterambere ry ‘igihugu cacu,turashobora kwemeza ata nkeka ko ryagize ico rimaze muguteza imbere igihugu bimwe biboneka,

-  Biradutangaje twebwe abakozi kwumva ko rigomba kwugara umuhora wa GSM natwe tutigeze tubimenyeshwa n’inzego zirongoye ishiramwe,

-  Nyakubuhwa Mukuru w’igihugu, twashaka kubamenyesha ko tubajije inzego ziturongoye zatwemereye yuko zikeneye kuguma zikorera muri ico gisata ngaha mu burundi, mugabo ko ibiganiro bagiye baragiriranira na ARCT hagiyemwo inzitizi zatumye gushika ubu ataco bashikako,

-  Nico gituma, Nyakubahwa Mukuru w’igihugu tubasavye ko mwoshiraho urwego rwo kuvugana idonido ukuntu iryo shiramwe ryo guma rikorera ngaha mu burundi,

-  Nyakubahwa Mukuru w’igihugu, ishirahamwe Tempo AFRICELL ritunze abakozi benshi (barenga ijana) hamwe n’imiryango y’abo.

-  Nico gituma, tubituye tubizigiye nk’uko muri Sebarundi ko mwoshobora kudutunganiriza. Tukaba tubaye turabashimira.

KU BWABAKOZI BA TEMPO AFRICELL


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.