IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Abanyarwanda baba mu Burundi bari mu matora y’abashingamateka

Abanyarwanda baba mu Burundi bari mu matora y’abashingamateka

dimanche 15 Nyakanga 2013

Abanyarwanda bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose mu matora y’abashingamateka asanzwe ategekanijwe ku munsi w’ejo mu gihugu c’Urwanda. Kuva kw’isaha imwe y’agatondo, ibiro vy’amatora biruguruye, abiyandikishije bariko baritaba ukuri kwamye mu matora yateguwe gushika isaha icenda ku buserukizi bw’igihugu c’Urwanda mu Burundi.

Akamo abanyarwanda bo mu mahanga bari batewe ko kwitaba kuri uyu munsi w’Imana isango ryo kwitorera abazobaserukira mu nama nshingamateka kitabwe n’abanyarwanda baba mu Burundi. Kuva isaha imwe y’agatondo, ku buserukizi bw’Urwanda mu Burundi, hariko harabera amatora ariko ahiganirwamwo imigambwe ine ( FPR-Inkotanyi, PS Imberakuri, PSD, PL), hamwe n’abitoza ku gatwe kabo bane nyene ( Bizimana Venuste, Mwenedata Gilbert, Mutuyimana Léonille, Ganza Clovis).

Mu buserukizi bw’igihugu c’Urwanda bamenyesha ko bahisemwo kuri uno munsi w’Imana kuko ari umunsi w’akaruhuko, kugira bahe akanya abatora batabanje guheba imirimo yabo, mukamenya ko abo mu Rwanda babifitiye umunsi w’akaruhuko ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 16 Nyakanga 2013.

Dieudonné Nkurunziza, umukuru w’ibiro vy’itora.

N’aho amatora akibandanya, umurwi wayateguye kandi uriko urayakurikirana urashima ko ibikoresho vyabashikiriye hakiri kare, kandi ukaremesha ko itunganwa ryayo ata kanenge kaza kubamwo. Dieudonné Nkurunziza, umukuru w’ibiro vy’itora amenyesha ko biteze abatora baharurwa hagati y’ibihumbi bitatu na bitanu, ariko ko bashobora kugabanuka bivanye n’abahindura aho bahora batorera. Amatora agitangura, habonetse abantu baza gutora ntibashoke bemererwa. Dieudonné Nkurunziza, umukuru w’ibiro vy’itora mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi asigura ko vyavuye ku baje gutora batabanje guca ku buserukizi bw’Urwanda mu Burundi guhabwa amakarata y’itora. Dieudonné Nkurunziza yizeza ko umurwi utegura amatora uriko uragerageza gukemura ico kibazo kugira ntihagire uwusubira inyuma adatoye kandi abifitiye uburenganzira.

Mu ntumbero yo gufasha abariko baratora kubikorera mw’ibanga, hateguwe ubwiherero butandatu, aho uwutora ahitamwo mu migambwe n’abitoza ku gatwe kabo bariko barahiganwa umunani bari kw’ikarata y’itora imwe.

Ivyavuye muri ayo matora y’abashingamateka ahava asozerwa kw’isaha y’icenda ku buserukizi bw’Urwanda mu Burundi bitegekanijwe ko bizomenyekana ku munsi w’ejo. Umurwi ujejwe gutunganya amatora uhejeje guharura amajwi uzoheza ushire ahabona ivyavuyemwo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.