IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > FORSC : Amashirahamwe yo mu Rwanda yatanze akarorero muri Afrika (...)

FORSC : Amashirahamwe yo mu Rwanda yatanze akarorero muri Afrika y’ubuseruko

dimanche 10 Munyonyo 2013

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko yahuriye yaragiye hamwe agira urunani EACSOF (East African Civil Society Organisation Forum) kugira ashobore gukurikirana n’ukumenyekanisha ibikorwa vy’uwo muryango ku banyagihugu batobato. Bisunze ivyakozwe n’ayo mashirahamwe mu Rwanda, basezeranye kumenyekanisha ibikorwa vy’umuryango ku neza y’abanyagihugu.

Ishirahamwe ry’abadaharanira ivyicaro vya poritike ryo mu gihugu kibanyi c’Urwanda ryashize ahabona igitabu cerekana ingene bashoboye kumenyekanisha ku banyagihugu ibikorwa vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ari navyo vyatumye abo banyagihugu baharonkera inyungu. Prudence Kabahizi wo mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu gihugu c’Urwanda, mu birori vyo gushira ahabona ico gitabu c’ivyaranguwe yamenyesheje ko ibikorwa nyamukuru vyatumye umuryango wa Afrika y’ubuseruko umenyekana cane ku banyagihugu bo mu Rwanda ari inganda nyinshi zo kuwubasigurira zatunganijwe, ugushira mu rurimi rw’ikinyarwanda amategeko n’ibindi bikorwa vy’umuryango, ugutegura abashobora gushira abanyagihugu mu gihugu cose kugira babasigurire akamaro igihugu n’abanyagihugu bagira iyo bitayeho kumenya n’ugukurikirana ibikorwa vy’umuryango.

JPEG - 38.4 ko
Prudence Kabahizi wo mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu gihugu c’Urwanda

Ku ruhande rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi, bamenyesha ko ivyakozwe n’ayo mashirahamwe yo mu Rwanda gakwiye kubera akarorero ibindi bihugu biri mu muryango. Kubwa Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societe Civil), urunani rusanzwe ruri muri EACSOF (East African Civil Society Organisation Forum) amenyesha ko bitari bikwiye ko ibikorwa vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bidashirwa ahabona nk’uko umengo vyega abakuru b’ivyo bihugu gusa canke abafata ingingo, kuko n’igihe umuryango usambuka ari kubera amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yari yakumiriwe, ibikorwa ntibimenyekane. Yamenyesheje ko bagiye kuza barakorera hamwe kugira abanyagihugu bose bamenye, kandi bakurikirane inyungu zabo muri uwo muryango.

JPEG - 38 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societe Civil)

Nk’uko Vital Nshimirimana arongoye FORSC yabandanije abisigura, ayo mashirahamwe akoreye hamwe muri urwo runani bashinze, azoshobora n’ukwigira hamwe ikibazo c’ibihugu (Uburundi na Tanzaniya) bivuga ko bikumirwa mu bikorwa vy’uwo muryango.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.