IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Ku myaka 50 y’imigenderanire n’Ubushinwa, Uburundi burashima ivyaranguwe

Ku myaka 50 y’imigenderanire n’Ubushinwa, Uburundi burashima ivyaranguwe

vendredi 20 Kigarama 2013

Imyaka 50 irarangiye igihugu c’Uburundi hamwe nic’Ubushinwa vyunze ubumwe bukomeye, imigenderanire ihurikiye ku bucuti no gukorera hamwe hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Hari kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 1963, Uburundi bwaraye buronse intahe yo kwikukira, aho abategetsi b’Uburundi hamwe n’Ubushinwa bafata ingingo ikomeye mu gushirako umukono ku masezerano yo gufashanya hamwe no kwunga ubumwe burama hagati y’ivyo bihugu vyompi. Ico gihe, Uburundi bukaba bwari bwabaye kimwe mu bihugu vya mbere vyo mu mugabane wa Afrika vyari bikironka intahe yo kwikukira, hama vyemera kwunga ubucuti n’igihugu c’Ubushinwa.
Uko imyaka yagenda iregera imbere, niko n’ubucuti no gukorera hamwe hagati y’igihugu c’Ubushinwa n’Uburundi vyagiye birakomera. Mu myaka 50, ibitari bike vyararanguwe na cane cane mu bijanye n’ibikorwa vy’iterambere.

Mu gihe buca duhimbaza iyo myaka 50 irangiye habaye iyo migenderanire, uno munsi igenekerezo rya 20 Kigarama 2013, herekanywe amasanamu y’ivyagiye birarangurwa muri iyi myaka 50 irangiye. Ibirori vyo kwigina no kwerekana biciye muma sanamu ivyaranguwe kubw’imigenderanire yashinzwe hagati y’Uburundi n’Ubushinwa, bikaba vyabereye muri zimwe mu nyubakwa zubatswe n’igihugu c’ubushinwa. Iyo nyubakwa nayo akaba ari ikigo ENS (Ecole Normale Supérieure)

JPEG - 41.6 ko
Isanamu yo mu mwaka w’1963, umwaka amaserano aterwako umukono

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi hamwe n’ayandi makungu, Laurent Kavakure ari nawe yuguruje ibirori vyo kwibuka no kwigina imyaka 50 irangiye hatewe umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubushinwa,yamenyesheje ko igihugu c’Ubushinwa ari kimwe mu bihugu vya mbere kw’isi vyashigikiye Uburundi mu bikorwa bitandukanye bijanye n’iterambere. Aho twovuga nko mu gisata c’amasoko ntanganguvu, mu gisata c’ubumenyi, mu gisata c’ubuhinga gushigikira mu gisata c’ubuvuzi, eka mbere no mu kwitanga gutegura umunsi igihugu c’Uburundi cigina imyaka 50 irangiye cikukiye.

Nayo kubwa YU Xuzhong aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, imigenderanire yo gukorera hamwe yateweko umukono hagati y’Uburundi n’Ubushinwa yatumye ubucuti bukomera, haranarangurwa ibitari bike. Yamenyesheje kandi ko Ubushinwa buzorushirizaho gushigikira Uburundi mu bijanye n’iterambere rirama.

JPEG - 31 ko
YU Xuzhong

Tubibutse ko indege ya mbere ya Air Burundi ikoresha ubu, ibitaro vya kijambere vyo Mpanda, amabarabara n’ingomero z’umuyagankuba bitandukanye, Uburundi bubikensha iyo migenderanire izokwiza imyaka mirongo itanu ku munsi w’ejo kuwa gatandatu.

Mwomenya ko inyuma yo kwerekana amasamu y’ivyaranguwe hagati y’igihugu c’Uburundi n’Ubushinwa kuva mu mwaka w’1963, ibirori vyaciye bibandanirizwa ku kigo co mu Kamenge cigisha imyuga n’utugenegene gisanzwe gishigirwa n’igihugu c’Ubushinwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.