IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > N’aho umwimbu wiyongereye bafise ikibazo c’umuyagankuba

N’aho umwimbu wiyongereye bafise ikibazo c’umuyagankuba

mardi 12 Munyonyo 2013

Amahinguriro abiri UBUCOM na AFRITEXTILE y’abikorera ivyabo yo mu Burundi yaragendewe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ku munsi w’ejo kuwa mbere, kugira yirabire aho bagejeje ibikorwa yongere yibonere ingorane bahura mu mirimo yabo.

Petero Nkurunziza yatanguriye ku hinguriro UBUCOM, rikora amabati, imisumari n’amasorori. Avuye ngaho, yaciye abandaniriza urwo rugendo ku hinguriro AFRITEXTILE ryahoze ryitwa COTEBU, iryo naryo rikaba arikora ibitenge n’impuzu.
Inyuma y’izo ngendo zibiri ku mahinguriro abiri nyene akorera muri komine Ngagara, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko intumbero ari ukwirabira ibikorwa bimaze kurangurwa n’ayo mahinguriro, hamwe n’ugutera intege abikorera ivyabo mu Burundi, mu gihe Reta y’Uburundi idahengeshanya kuborohereza gutanguza ibikorwa vyabo.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Firoz Mouhamed, umuyobozi mukuru w’ihinguriro AFRITEXTILE, umwimbu wariyongereye bimwe bishimishije, kuko bariko bategura n’ugutangura gushora mu makungu ivyo bahinguye.
Ariko n’aho umwimbu ushimishije, basaba ko umuyagankuba wokwongerezwa kuko ukunda kubabera intambamyi mu bikorwa vyabo, canke ukaba muke ku buryo badaheza bakora amasaha mirongo ibiri n’ane kuri mirongo ibiri n’ane nk’uko bavyipfuza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.