IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Urwaruka rutegerezwa guhangana n’ibibazo vyo mu miryango

Urwaruka rutegerezwa guhangana n’ibibazo vyo mu miryango

dimanche 30 Kigarama 2012

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarabonanye n’urwaruka rwo mu buraruko ku ncuro igira gatatu I Ngozi kuri uno wa gatandatu itariki 29 kigarama mu ntumbero y’amasengesho yateguwe n’umuryango wiwe.

Igihe umukuru w’igihugu yariko aratanga inyigisho I Ngozi kuri uno wa gatandatu ku rwaruka rwo mu ntara zo mu buraruko ku ncuro igira gatatu,yabasavye ko bokwitegura guhangana n’ibibazo vyo mu miryango bibarindiriye.

Umukuru w’igihugu yarabamenyesheje kandi ko bategerezwa kuba baratanguye gufata ingingo zishobora gutuma babaho neza mu miryango ngo kuko ari ubwenge butigwa mw’ishuri ariko ko ari ubwenge umuntu aronka bivanye n’ubuzima bwa minsi yose. Umukuru w’igihugu akaba yarabahaye impanuro aho yababwiye ko bakwiye kubona kure kandi ko bakwiye kuboneraho akaryo ko gutunganya ibizobafasha mu buzima busanzwe aho bazoba bari mu kazi.

Petero Nkurunziza ntiyibagiye kubamenyeshako kugira bashike kuri ivyo vyose bisaba inguvu nyinshi ari ninaco gituma bakwiye kubikora ubu bakiri bato kandi bari mu myaka aho bagifise inguvu. Nk’umukinyi w’umupira w’amaguru wa kera, nk’umuvuzi w’ingoma wa kera,nk’uwahoze aserukira abandi igihe yiga mu mashuri y’isumbuye, umukuru w’igihugu yarabashingiye intahe aho yaberetse nk’akarorero bomufatirako kuko vyatumye ashika aho ari ubu.

Umukuru w’igihugu akaba yarangije ababwira ko umwigeme Francine Niyonzima ava mu Ruyigi yaronse ikibanza mu nkino zo kwinonora imitsi zabereye I Londres kubera ko ari mu bakoresheje ingabire Imana yabahaye ko rero nabo babigize boshobora gushika ku ntambwe ishimishije mu miryango yabo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.