IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Gitega : Urwaruka rwahawe inyigisho z’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa (...)

Gitega : Urwaruka rwahawe inyigisho z’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none

lundi 16 Kigarama 2013

Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bwatanguje mu ntara ya Gitega, inyigisho ku rwaruka zizomara iminsi itanu. Muri izo nyigisho ku vyerekeye ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu bushakashatsi, urwaruka ruzokwongererezwa ubumenyi ku buhinga bwo guhanahana amakuru mu migambi y’iterambere.

Izo nyigisho zatangujwe na Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, zatanguye kuri uwu wa mbere, zaje zikurikira izindi zibiri ziheruka kubera mu gisagara ca Bujumbura, iza mbere kuva ku genekerezo rya 4 gushika kurya 8 Gitugutu 2013, izindi zitunganywa kuva ku genekerezo rya 14 gushika kurya 18 Munyonyo 2013, zishikirizwa urwaruka rugera kuri 50 rukorera mu gisata c’uburimyi.

Nk’uko vyashikirijwe na Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, izo nyigisho zatunganijwe mu ntumbero ya Reta, ibifashijwemwo n’abashigira mw’iterambere ry’urwaruka, yo kwongerereza ubushobozi n’ubumenyi ku rwaruka. Kubw’umushikiranganji Adolphe Rukenkanya, ubuhinga bwa none mu Burundi buriko buratera imbere ku rugero rwo hejuru, ari nayo mpamvu urwaruka rwokwigishwa ukungene bobukoresha neza, bakamenyekanisha ivyo bariko barakora, bunguke ubumenyi mu kumenya ibirangurwa ahandi. Ubuhinga Web 2.0, bwitwa kandi Médias Sociaux buriko bwigishwa, ari nabwo bufasha kumenyekanisha ibikorwa, n’ukurahura ubwenge, buzofasha urwaruka rukamenya aho abandi bageze.

JPEG - 59.1 ko
Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama

Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya amenyesha ko n’aho mu bisagara ubuhinga bwa none buriko buratera imbere, urwaruka rutaramenya ingene bwobukoresha mu bikorwa ngirakamaro, umwe wese agakoresha ubwo buhinga mu guteza imbere igisata akoreramwo, mu buzima bwa minsi yose. Adolphe Rukenkanya ahamagarira n’ayandi mashirahamwe afise imigambi myiza y’urwaruka kwegera ubushikiranganji arongoye, kugira bakorera hamwe, kuko nibateza imbere urwaruka, n’igihugu cose kizoba giteye imbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.