IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Amakaritiye yegereye uruzi Ntahangwa arageramiwe

Amakaritiye yegereye uruzi Ntahangwa arageramiwe

dimanche 25 Munyonyo 2012

Ku nkengera zose z’uruzi Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura amazu ahegereye ari mu kubomoka. Abahaba batera akamo reta kubagarukira vuba.

Kuva muri karitiye Mutanga mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura gushika aho uruzi Ntahangwa rwisuka mu kiyaga Tanganyika hari inyubakwa hirya no hino. Muri kino gihe c’imvura, urwo ruzi ruguma rubomora inkombe zarwo rugatwara n’amabuye yose bigatuma inzu zihegereye nazo nyene zibomoka.

Ikindi kivyunyura, n’uko muri urwo ruzi abantu barukuramwo umusenyi n’amabuye mato mato yo kubaka amazu, bigatuma uruzi ruta inzira hanyuma rukabomora inzu riri ku ruhande.

Abakora ako kazi ko kuropora umusenyi mu ruzi Ntahangwa bavuga ko badashobora kubiheba kuko ata kandi kazi bafise kotunga imiryango yabo.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, amashirahamwe akingira ibidukikije n’ubushikiranganji buraba ibidukikije ntibasiba gufata ingingo zo gukingira inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura kugira ntizihitane amazu azegereye ariko vyose biba impfagusa kuko zidakurikizwa.

Muri kino gihe abanyagihugu begereye uruzi Ntahangwa, amahinguriro n’izindi nyubakwa basaba reta gufata mu minwe ico kibazo kugira urwo ruzi rwubakirwe ku ngera maze ntihagire inzu zibomoka kubera inkukura. Ikindi basaba n’uko hofatwa ingingo ruhasha zo kubuza kuropora umusenyi n’amabuye mu ruzi Ntahangwa.


Net Press

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.