Accueil > Ibidukikije > Ibihugu bikenye bigiye gufashwa muvy’ihinduka ry’ibihe
Ibihugu bikenye bigiye gufashwa muvy’ihinduka ry’ibihe
vendredi 8 Ndamukiza 2016, par
Ibanki y’isi yatanguje umugambi wo kwongereza imfashanyo gushika ku 50 kw’ijana mu mugambi wo gufasha ibihugu biri mu nzira y’amajambere, mu ntumbero y’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe.
Iyo banki itegekanya gushika mu mwaka w’2020, kuba yongeye ku mahera ikoresha ku mwaka, imiriyaridi zitatu n’imiriyoni amajana atanu z’amadorare, mu ntumbero yo guha ingoga igisata c’abikorera utwabo.
Nk’uko tubikesha BBC, imwe mu ngingo z’uwo mugambi wa banki y’isi yose, n’ukwongera amasoko ntanganguvu adahumanya ikirere, mu kuronsa umuyagankuba ingo zishika imiriyoni ijana na mirongo itanu.
Ibanki y’isi yose itegekanya kandi gushora amahera muco yise "climate smart" mu burimyi ku bihugu mirongo ine, yongere kandi amahera akoreshwa mu kwunguruza abantu n’ibintu hakoresheje ubuhinga butabangamira ibidukikije.
IGIHE
Messages
8 Ndamukiza 2016, 13:12, par tari
Twebwe ayacu mube murayatubikira kuko igihe mwoyatanga agashikira mukarwi kabicanyi abasuma nabambuzi ntiboyakoresha ico mwayabahereye kiretse kuyakoresha mukutumara muzoyaduhe Ataribo bakiramutswa igihugu muzoba mukoze