Accueil > Ibidukikije > Mu myaka 15 iri imbere amazi ashobora kuba make
Mu myaka 15 iri imbere amazi ashobora kuba make
samedi 21 Ntwarante 2015, par
ONU yaburiye abantu ko hashobora kuba ikibazo gikomeye c’amazi kw’isi mu myaka 15 iri imbere, aho ibice 40% vy’amazi azoba akenewe ashobora kutazoboneka, kiretse abantu bahinduye uko bayakoresha.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ahanini ibibituma ari ibihe vyahindutse nk’ukuntu imvura igwa, amasoko yo munsi y ‘isi agenda agabanuka, ibitigiri vy’abasanzwe baba kw’isi bigenda vyiyongera, ibisagara bigenda yiyongera, amazi menshi akoreshwa mu mahinguriro no mu burimyi ndetse n’ihindagurika ry’ibirere.
Icegeranyo ca ONU kirasaba amareta gusubira muri poritike zigenga amazi no kwongera gukoresha amazi aba yakoreshejwe.
Ico cegeranyo kandi kivuga ko ibintu bibandanije uko biri hari uduce tw’Ubushinwa, Ubuhindi, Leta zunze ubumwe za Amerika dushobora kutongera kubakwo kubera ibura ry’amazi.
Floxella Karire