Accueil > Festicab > Isabukuru FESTICAB yatangujwe icese ku ncuro igira icenda
Isabukuru FESTICAB yatangujwe icese ku ncuro igira icenda
samedi 20 Rusama 2017
Mw’ijambo ryiwe, NGABO Leonce arongoye FESTICAB yarashimiye abafasha bose isabukuru FESTICAB haba mu bijanye n’uburyo, arashimira kandi igihugu c’Ubufaransa ku gikorwa kidasanzwe bakora co gushigikira FESTICAB.
Laurent DELAHOUSSE aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi mw’ijambo ryiwe yarashimye icivugo ‘’Ireresi n’agateka k’umukenyezi’’ cashizwe imbere uno mwaka n’isabukuru FESTICAB kuko, kubw’iwe ico civugo kiza gushimangira no gushigikira intumbero isi yose yihaye yo guhagarika ikumirwa rishingiye ku gitsina.
![](local/cache-vignettes/L672xH378/f2-2-ff44c.jpg?1550707960)
Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama Jean Bosco HITIMANA yaje aserukira Reta muri ivyo birori, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ishigikiye ibikorwa vy’isabukuru FESTICAB kandi ko adakekeranya ko icivugo c’uno mwaka kizofasha mu guteza imbere umukenyezi mu Burundi, aca amenyesha ko Reta izobandanya gushigikira igisata c’amareresi mu Burundi, kuko ari kimwe mu bifasha igihugu kwiteza imbere.
![](local/cache-vignettes/L672xH378/f1-2-41624.jpg?1550707960)
Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Marie Philomene NGA ari nawe muhagarikizi w’isabukuru FESTICAB y’umwaka wa 2017, akaba asanzwe ari umukinyi w’amareresi rurangiranwa, harimwo n’iyizokwerekanwa yitwa ‘’Il a déjà tes yeux’’.
Abandi bitavye ibirori ni Jean Jacques NYENIMIGABO yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama, abaserukiye amashirahamwe yaterereye kugira isabukuru FESTICAB y’uno mwaka ibe, hamwe n’abakinyi b’amareresi.
![](local/cache-vignettes/L672xH264/festi-2-8d912.jpg?1550707960)