FESTICAB: Uko ihiganwa ry’umwaka w’i 2015 ritunganijwe

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 17 Ndamukiza 2015 saa 04:02
7395
0 0

Isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi ryatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho havugwa uko itungwanywa ry’incuro y’indwi ritunganijwe.
Ku ncuro y’i 7, ihiganwa mpuzamakungu ry’Isabukuru y’amareresi mu Burundi (Festicab) rizotangura kwigenekerezo rya 24-30 Ndamukiza 2015. Mw’ihiganwa ry’uno mwaka, hatororokanijwe amareresi 83, mu gihe mu mwaka w’i 2014 hari mw’ihiganwa amareresi 99. Ireresi zizohiganwa zavuye mu bihugu bikurikira: RDC, Rwanda, Tanzanie, Kenya , Uganda , Burkina Faso , (...)

Isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi ryatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho havugwa uko itungwanywa ry’incuro y’indwi ritunganijwe.

JPEG - 52.6 ko
Cynthia Niyonsaba na Diane Kaneza baremesheje ikiganiro

Ku ncuro y’i 7, ihiganwa mpuzamakungu ry’Isabukuru y’amareresi mu Burundi (Festicab) rizotangura kwigenekerezo rya 24-30 Ndamukiza 2015. Mw’ihiganwa ry’uno mwaka, hatororokanijwe amareresi 83, mu gihe mu mwaka w’i 2014 hari mw’ihiganwa amareresi 99. Ireresi zizohiganwa zavuye mu bihugu bikurikira: RDC, Rwanda, Tanzanie, Kenya , Uganda , Burkina Faso , Algérie , Egypte , Maroc , Côte d’Ivoire, Afrique du Sud , Ile de la Réunion , Ile Maurice , France. Harimwo 16 z’Abarundi zizohiganwa ku rwego rw’igihugu, 16 zizohiganwa ku rwego rwa Afrika y’Ubuseruko, na 35 zizohiganwa ku rwego mpuzamakungu, hamwe n’ireresi 16 zizokwerekanwa ariko zitzohiganwa. Ku rweo rwa Afrika y’Ubuseruko harimwo imwe, n’iyindi iri ku rwego rw’igihugu.

Ku civugo:"Ireresi n’agateka ka zina muntu", hazoba guhanahana ivyiyumviro no gusangira, bizobera mu kigo c’Abafaransa, hazoba ari kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza.

Tubamenyeshe ko amarere azokwerekanwa mu bibanza nka: ikigo c’abafaransa(IFB), ikigo co mu Kamenge(CJK), mu kigo ca Kaminuza(CELAB), ikigo ndangakaranga(Meet’we) na BUJA Café. hamwe n’ibibaza vyo hagati mu gihugu nka "Cinéma des Anges yo mu Ruyigi", ikigo "Alliance Française c’i Gitega na kaminuza y’i NGOZI.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha