Atagikozwe uruzi rwa Kanyosha rushobora kwiha inkumbi

Yanditswe na Aristide Nizigire
Kuya 15 Ntwarante 2015 saa 10:25
Yasomwe : 9072
0 0

Abanyagihugu bo muri komine ya Kanyosha muri quartier ya Musama ya 4, barageramiwe n’uruzi rwa Kanyosha, aho babona ko baryamye hejuru y’urupfu.
Abo banyagihugu bakavugu ko amazu yabo ageramiwe n’urwo ruzi, bivanye n’abantu barwimbamwo umusenyi n’amabuye, bigatuma narwo ruguma rurondera izindi nzira. Abanyagihugu baho mu Musama ya kane, bakavuga ko bamaze kubibarira inzego zitandukanye haraheze iminsi ko botabarwa ibara ritararwa, nayo abimba urwo ruzi bakabuzwa ku mvo z’umutekano (...)

Abanyagihugu bo muri komine ya Kanyosha muri quartier ya Musama ya 4, barageramiwe n’uruzi rwa Kanyosha, aho babona ko baryamye hejuru y’urupfu.

Abo banyagihugu bakavugu ko amazu yabo ageramiwe n’urwo ruzi, bivanye n’abantu barwimbamwo umusenyi n’amabuye, bigatuma narwo ruguma rurondera izindi nzira. Abanyagihugu baho mu Musama ya kane, bakavuga ko bamaze kubibarira inzego zitandukanye haraheze iminsi ko botabarwa ibara ritararwa, nayo abimba urwo ruzi bakabuzwa ku mvo z’umutekano w’abanyagihugu, ariko bakavuga ko atanyishu nyayo iratorwa.

Abimba uwo musenyi n’amabuye, abaka bayakurikira no munihusi y’inkombe y’urubibe rw’urwo ruzi, abanyagihugu bakabona ko ari rimwe, bakikangura amazu yabo aryamye mu ruzi rwa Kanyosha. Abo banyagihugu basaba abarongoye inzego zitandukanye n’ubushikiranganji bw’ibidukikije, ko boraba ingingo zo fatwa ku neza y’abo banyagihugu, ahandi ho, bakavuga ko inkumbi zizorwa.


Kumenyekanisha

1
###### 17-03-2015 à 02:23

Ubuzima si ubwo gufyinisha ba nyaku!!!!!! Taka Mbonerane Albert abatabare, ivya environnement umengo aravyuka et il est devenu sage et catholique très pratiquant Nimba batabatanzeko incungu nkabo mu Gatunguru ntaco muzoba,
Manirambona

2
###### 17-03-2015 à 02:13

Bavuga ngo uwubandwa niwe abanda urugo, hitanane mugende kubuza abo baza kwimba uwo musenyi, naho nimwaguma muvuga gusa, muzosanga muryamye mu ruzi uko kubivuga, mudatanze mandat ya gatatu ntaco muvugana nabategetsi, vyanse mu mashi ni mushire mu migere.

A.Bucanayandi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha