Accueil > Ibidukikije > Uburundi bwashikirijwe na Tchad uburongozi bwa COMIFAC
Uburundi bwashikirijwe na Tchad uburongozi bwa COMIFAC
vendredi 16 Nzero 2015
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguje inama y’abashikiringanji bajejwe ibidukikije bo mu bihugu cumi vya Afrika yo hagati bigize ishirahamwe rijejwe ivy’amashamba, COMIFAC : (Commission des Forêts d’Afrique Centrale). Uburundi bukaba bugiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’imyaka ibiri.
Umushikiranganji ajejwe ibidukikije, amashamba, amazi no gutunganya ibisagara, Jean Claude Nduwayo, mw’ijambo ryiwe yagize ati : "Amashamba arageramiwe n’ibikorwa vy’abantu, haba mu bijanye n’imiriro ya nyakanga, guca ibiti hamwe n’uruhigi rw’ibikoko bisanzwe biba muri ayo mashamba. Iyo myaka ibiri Uburundi bugiye kurongora urwo rwego kakazoba akaryo ko kwongereza ibikorwa vyo gukingira ibidukikije mu Burundi."

Umupfasoni Clotilde Nizigama, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo hagati CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale) avuga ko kuva mu mwaka w’2007, iryo shirahamwe ryarafashije cane mu kuronsa uburyo COMIFAC, aca asaba ibihugu bigize iryo shirahamwe gutanga n’ingoga amafaranga asabwa kugira iryo shirahamwe rishobore kubandanya ibikorwa vyaryo.
Umushikiranganji w’uburimyi n’ibidukikije w’igihugu ca Tchad BAIWONG DJIBERGUI AMANE Rosine, yahora arongoye iryo shirahamwe, yamenyesheje ko mu myaka ibiri ico gihugu cari kimaze kiri ku burongozi bwa COMIFAC, bashoboye kurangura ibitari bike, nko kwitaba amanama mpuzamakungu menshi araba ibidukikije, hamwe n’ugutegura imigambi Uburundi bushobora kuzobandanirizako mu kurongora iryo shirahamwe. Umupfasoni Rosine BAIWONG DJIBERGUI AMANE yasavye abagiye kurongora COMIFAC gutegura neza inama igira gatatu y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta kugira baze barabe aho imigambi bari bihaye mu nama igira kabiri mu gushinga iryo shirahamwe mu mwaka w’2005 igeze.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari nawe nawe yuguruye ibikorwa vy’iyo nama y’abashikiranganji bahurikiye muri COMIFAC, yagize ati : "Ubumenyi budakwiye mu vyerekeye ivyo gukurikirana amashamba, igwirirana ry’abantu, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’umurindi wo guhonya amashamba munini, imiriro ya Nyakanga, ni zimwe mu ntambamyi zibangamira amashamba n’ibiyabamwo." Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yaciye ahamagarira abasanzwe bafasha muri ico gisata kwongereza inguvu.
Tubamenyeshe ko umukuru w’igihugu yaciye ahagarikira ibikorwa vyo kubisikanya hagati ya Tchad, igihugu cahora kirongoye iryo shirahamwe, gishikiriza ayo mabanga Uburundi.
Uburundi bukaba bugiye kuba muri ubwo burongozi mu kiringo c’imyaka ibiri.

Floxella Karire