Accueil > Ibidukikije > Burundi : Ingorane ziterwa n’ubumwanya zigiye gutorerwa umuti
Burundi : Ingorane ziterwa n’ubumwanya zigiye gutorerwa umuti
samedi 29 Ntwarante 2014
Mu Burundi, ubumwanya bwakoreshejwe bwiyongera ku munsi ku munsi, ivyo na vyo bikaba bibangamira ibidukikije, kubera ko budatorwa kugirango busubizwe ku babugurisha canke buhingurwemwo ibindi.
Ubwo bumwanya rero bukaba bubangamira ibidukikije, mu gutosekaza amazi, ikirere eka no guhonya ibinyabuzima. Mu kurindira ko haboneka umugambi nyawo wotorera umuti ico kibazo, birakenewe ko haboneka itegeko riba riratunganya irangurwa, ihingurwa, icuruzwa be n’ikoreshwa ry’ubumwanya.

Tukaba twobamenyesha ndetse ko ikibazo c’ubumwanya gitosekaza ibidukikije mu Burundi, cizwe mu nama nshikiranganji, aho integuro y’ibwirizwa ritunganya irangurwa, ihingurwa, icuruzwa be n’ikoreshwa ry’ubumwanya ryashikirijwe n’Umushikiranganji w’amazi, ibidukikije, gutuganya amatongo n’Ibisagara. Hakaba ndetse hagiye no kujaho umurwi uzotosora iyo nteguro, ufatiye ku ntererano zatanzwe, na cane cane mu kuraba ko ibwirizwa ari ryo rikwiye kubitunganya canke ko atoba amategeko ari ku rugero rwo hasi.
Bimwe mu bihugu biri mu karere Uburundi buherereyemwo nk’Urwanda, bikaba vyaramaze gushinga amategeko yirukana ubumwanya ku butaka. Aha ndetse mu kaba mwomenya ko ata n’umunyamahanga ashobora ku kinjirana muri ico gihugu, abanyagihugu nabo, bakaba basumira mu bikapo, mu ntumbero yo kwibagira ubwo bumwanya.
Aristide Nizigire
Messages
30 Ntwarante 2014, 22:26, par duniya.jumbe
nahoturimumahangaturumvakoigihugucacoko.kitifashenezamuriportuqwe.arikokubwumugambi.retayafashe.wubwobumwanya.niwonishiremungiro.ivyobashikirije.kukubushashe.butiturisi.kandagahugukacu.arinagato
19 Myandagaro 2014, 15:46, par SIBOMANA Pontien
Biraboneka ko ingorane mu bidukikije ari nyinshi cane mu Burundi.Ikibabaje,n’uko n’amashirahamwe y’Abanyagihugu bato bato bigira inama ngo bagire ico bakoze muri ico gisata basanga kenshi Leta itabafashe mu mugongo.Kenshi baradebukirwa bivuye kukubona badashoboye kuronka uburyo bwo kurangura imigambi biteguruye.BIRABABAJE!