Accueil > Ico ubivuzeko > Burya abantu bapfa iki ko vyose bifise iherezo
Burya abantu bapfa iki ko vyose bifise iherezo
mercredi 9 Nzero 2013
Ariko none mubisanzwe abantu bapfa iki ko je nabonye vyose bizohera, iryo shari n’inzigo mu bantu biva kuki kandi burya ibintu vyose bifise intango n’iherezo ! Nico gituma twaridukwiye kugerageza kubana mu mahoro .
Bamwe bapfa n’abandi amatongo, urukoba , amoko n’uturere, bagapfa kandi ubutunzi kandi burya ntawabivukanye ntanuwuzogira na kimwe atwara. Burya iyuravye neza usanga ivyo abantu bahurirako biruta cane ivyo bapfa
Kandi n’incabwenge zivugako aho ubutunzi bwiriwe atariho burara ntagituma rero ububonye ng ’utangure kwumva ko abatabufise ukwiye kubagaya canke ngo wumve ko utoganira nabo.
Ingo dushigikire ingendo y’amahoro turwanye ikibi dusangire akabisi n’agahiye ;duhurize hamwe dukora ivyiza bizotuma twiteza imbere twese uretse ko n’itegeko ry’Imana rivugako uwudakunda abandi atayizi kuko yo ubwayo ari urukundo .
Joel Sengurebe
Messages
4 Ndamukiza 2014, 15:53, par NTIBAMBAZE
"UWUTAZI IVYISI AVYITA IVYIWE" Kandi "SO AKWANKA AKURAGA IVYAMUNANIYE"
Aho nokebura cane cane urwaruka ruhendwa naba nyapolitique gukora amakosa. Imbonerakure bati genda mwice, mwibe, mukubite mwongerze muburabuze abatavuga rumwe na Leta, nta numwe azobakorako!! SINDUHIJE naw ati genda mwibarabara murinde babakubise mubakubite. Ikibabaje cane nuko abo babatuma bama mubiganiro bagasangira akayi batwenga atawukora kuwundi. ejo canke hirya yejo ubutungane buzokora urwaruka abe arirwo ruhasigara.
1er Kigarama 2014, 17:06, par joshuah
ewe ntibambaze wishuy neza.ivyisi ni umuyaga ahubgo umuntu yokwizera uhoraho gusa nayo ivyo vyo benshi barahony kubg’ivyo.
20 Kigarama 2014, 22:13, par Siraa
Basha bwwira aba DD KO Vyose ari ubusa tuzopfa tubisige nabo ikinogo kirabarindiriye
3 Nyakanga 2015, 22:51, par RUCEGE
BAPFA UKWIKUNDA
2 Ruhuhuma 2016, 04:31, par Mutima
Navutse 1950 nasanze hari ururirimbo muri gatorika ruvugaruti Vyosenibusa vyosebishirumwanya ivyotwishinga kwisi nibiza bihenda Amaso birasayangana bibavyiza bica mumaso twabikira bigafa wewe wamusore urarya ugahaga wabamwiza mubandi hazoza umusumwe ukagwara bwabwiza bwozoshira nindinindi!!!!!!!!!!