Accueil > Ico ubivuzeko > Guhonyora amashurwe aterwa ku mabarabara bisubiza inyuma iterambere (...)
Guhonyora amashurwe aterwa ku mabarabara bisubiza inyuma iterambere ry’igisagara
mercredi 3 Ndamukiza 2013
Muri rusangi iterambere ry’igihugu riva ku butunzi bwaco ahanini, rikongera rikava no ku mitahe y’abanyamahanga. Iyo igihugu gifise isura nziza mu makungu canke iyo ba mukerarugendo bakivuga neza, bituma benshi bagihurumbira, kwaba kuhaza mu karuhuko canke kuza kuhakorera, ivyo vyose bigafasha ikigega c’igihugu kubomboka.
Inyuma y’intambara yasambuye vyinshi mu Burundi, Leta yiyemeje kugisanura no kugiha ishusho nziza mu makungu. Mu bikorwa vyo gusanura, dushimikire ku bikorwa bihimbaye vy’ishirahamwe AJAD rikora isuku mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe, ribifashijwemwo n’abarongoye igisagara ca Bujumbura baratanguje umugambi wo gutera amashurwe ku nkengera z’amabarabara. Ico gikorwa carashimwe n’abatari bake kuko bitera ubwiza igisagara.
Ariko rero, biragaragara ko hadafashwe izindi ngingo ziherekeza uwo mugambi ata nkeka ayo mashurwe yose azokwuma canke akononekara. Abanyagihugu (kubera ukutamenya canke ukwiyobagiza) bahonyora ukuri kwamye muri ayo mashurwe asanzwe aboneka ko atavomerwa bikwiye, kanatsinda ko atacamira.
Twaganiriye n’abo mu gisata kijejwe gukingira no kubungabunga ivyubakwa muri Meri ya Bujumbura aho vyabonetse ko ata mategeko ahari ahana abaca ahabujijwe canke bahonyora muri ayo mashurwe. Nk’uko twabishikirijwe na Ir Onesphore Bayubahe, abakunda gufatwa n’itangwa ry’amahadabu kenshi ni abasuka umwavu aho utagenewe.
Mu kurindira icokorwa, akamo kanini gatewe abanyagihugu, baze baraca mu tuyira twabateguriwe kugira batere integermeri mu migambi myiza nk’iyo yo gusukura igisagara, na cane cane ko uburyo bukoreshwa buba bwokoze mu yindi migambi y’iterambere y’igihugu. Iyo vyononwe, ikigega kirahahombera, ingaruka zikagwa ku munyagihu
Egide Nduwimana
Messages
9 Myandagaro 2013, 07:07, par manirakiza eric
ako n,akumiro.nihajeho polisi ibijejwe
21 Ruhuhuma 2017, 22:08, par JM Vianney Sinti Sibomana
Amashurwe abeza igisagara,icoba ciza abarundi twese twoyubahiriza bishobotse tugatera n’ayandi.