IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ihayanishwa > Ibidandazwa vyo muri Egypte kw’isoko y’Uburundi

Ibidandazwa vyo muri Egypte kw’isoko y’Uburundi

mardi 11 Ruheshi 2013

Kuva kuri uno musi igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013 gushika igenekerezo rya 20 Ruheshi 2013 hatanguye ihayanishwagurisha ry’ibidandaza biva mu gihugu ca Egypte ririko ribera mu nyubakwa ndangamico "Palais des Arts" i Bujumbura.

Intumbero y’’iryo hayanisha gurishwa ni ukuzana imitahe mu gihugu c’Uburundi nk’uko bari batewe akamo n’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza.

Nk’uko twabimenyeshejwe n’uwuserukira iryo hayanisha gurishwa, Esmat.S.Wanis, avuga ko bashitse mu Burundi mu mwaka w’2009, inyuma y’akamo batewe n’umukuru w’igihugu mu rugendo yari yagize mu gihugu ca Egypte, aho yasavye abanyamitahe kuza gukorera mu Burundi.

Amenyesha ko kubw’imigenderanire myiza iri hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Egypte batari kwica amatwi kandi n’ibidandazwa vyabo amenyesha ko ari vyiza bikomeye kandi biramba. Inyuma y’iyo hayanishagurishwa ibikorwa vyabo bibandaniriza muri karitiye Asiatique.

Ku bijanye n’ababashorera, amenyesha ko ata ngorane naho ari ku munsi wa mbere. Arongera kandi akamenyesha ko ibidandazwa bariko baradandaza vyakorewe mu gihugu ca Egypte.

Yarangije ashimira ubutegetsi bw’Uburundi ku migenderanire bufitaniye n’igihugu ca Egypte yongera ahamagara abo batarahishikira kuhashika bagure ibidandazwa vy’akarorero.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.