Accueil > Ihayanishwa > Salon de l’emploi: Akaryo ko kumenyekanisha ibikorwa vy’amashirahamwe
Salon de l’emploi: Akaryo ko kumenyekanisha ibikorwa vy’amashirahamwe
vendredi 14 Munyonyo 2014
Ihuriro ry’abakoresha n’abatagira akazi ni akaryo keza ko kurabira hamwe icokogwa kugira hagwizwe ubuzi mu Burundi, ndetse n’urwaruka ruhamenyere uko gwokwishingira amashirahamwe yarwo.
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05344-1e986.jpg?1517281716)
Haraye huguruwe icese kuri uwu wa kane 13 Munyonyo 2014, ihuriro rigira kabiri rihuza abakoresha n’abatagira akazi kugira bashobore guca hirya no hino ingorane z’ubukene bw’akazi ku rwaruka. N’ akaryo kandi ku banyamitahe kugira bigishe urwaruka uko nagwo rwoshinga amashirahamwe yarwo.
Abashoboye kuyaga n’ikinyamakuru IGIHE, mu gatondo ko kuruwu wa gatanu 14 Munyonyo 2014, barashima cane ico ciyumviro co guhuza abakozi kugira basigurire abatagira akazi uko bokwitunganya bakareka kwama barindira kuronka akazi ahubwo ko nabo bashobora kwikorera ivyabo.
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05350-dcac5.jpg?1517281716)
Nk’uko bivugwa na Niyonizeye Jean De Dieu, yasurukiye Ikigo Kijejwe Gusuzuma akaranga kibidandazwa(BBIN), iryo huriro ni akaryo keza ku mashirahamwe atandukanye akorera mu Burundi yo kumenyekanisha ivyo bakora. BBIN iremeza ko akarusho gahari, kuko inyuma y’ihuriro rya mbere, bararonse abantu benshi baza bahurumbira ivyo bakora, nabo barabigisha uko bokugurura amashirahamwe yabo bakabasha kugwiza ubuzi mu gihugu.
Eka na Ndayisenga Mariam, ari mwihuriro ry’amashirahamwe y’abanyamyuga ‘’Shazaa’’, avuga ko iryo huriro rizoba ngirakamaro ku mashirahamwe, aho berekana ivyo bakora. Mariam akizera ko mu minsi iri imbere azobona akarusho, aho yizera ko azoronka abantu benshi baza bahurumbira ivyo bakora. Asaba Reta y’Uburundi ko yoshigikira imigambi y’amashirahamwe y’abanyamyuga kugira yiteze imbere, ashobore no kumenyekanisha akaranga ku Burundi mu makungu.
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05354-2-eae63.jpg?1517281716)
Mu kamenya ko iryo hinguriro ryuguruwe icese kuri ‘’Jardin Public’’ ku munsi wa kane igenekerezo rya 13 Munyonyo 2014 rikazorangira ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 16 Munyonyo 2014. Hakaba hanateguwe iminsi yose ku mugoroba, igiteramo’’Karaoke’’ kiremeshejwe n’umugwi Peace and Love.
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05339-f5ad5.jpg?1517281716)
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05337-4e855.jpg?1517281716)
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05334-fbb84.jpg?1517281716)
![](local/cache-vignettes/L640xH480/dsc05358-5f209.jpg?1517281716)
Alida SABITEKA
Messages
14 Munyonyo 2014, 16:55, par So
Ndababwire amashirahamwenkaya ajejwe gukora yodutezimbere twebwe abarundi mugihe twokomeza gukoresha ubwengebwacu twumvira ninama duhabwa, nayomwenaryamashirahamwe ajenwe kwirirwa aravugango igihugu kirikokirasibizwa inyuma nabategetse ngokuburyo butigezebubaho kuvakera uwuzokomeza kubuviriza ntazompayigejeje, ndabagirinamarero komerezaho rwaruka rwu Burundi.
18 Munyonyo 2014, 15:50, par Niyonizigiye Jean de Dieu
nitwa NIYONIZIGIYE Jean de Dieu yaserukiye BBIN. BBIN ni ikigo kijejwe kwakira hamwe nokwigisha abanyamigambi ingene bokwiteza imbere mugutunganya neza amashirahamwe yabo canke mugishinga amashirahamwe mashasha kubaba batarayashinga muntumbero yo kurwiza akazi muburundi. ni ikigo gikomeye cane kimaze imyaka 4 gusa gitanguye kikaba caronse ikibanza ca 2 muriryo hayanishwa.ndifuza k mwohindura gato. Murakoze