IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibisigarira vy’ivyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura bigiye gutabwa (...)

Ibisigarira vy’ivyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura bigiye gutabwa vuba

vendredi 24 Gitugutu 2014

Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokombera ku wa 27 Nzero 2013, mu bushikiranganji bw’ibidukikije bariko barategura ikibanza kizotabwamwo ibisigarira vy’ivyahiriye muri iyo soko.

Ku Mpanda niho hariko harategurwa kugira habe ariho hazotabwa ibisigarira vy’ivyahiriye muri iyo soko. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije. Amenyesha kandi ko bimwe mu bisigarira vy’ivyo vyahiriye muri iyo soko birimwo ubumara bubi, ku buryo bitegerezwa gutabwa ahantu hitondewe. Uburyo rero bugera ku miriyoni amajana atandatu akaba aribwo buriko buregeranywa kugira aho hahoze iyo soko hatengenezwe neza, iyo myanda ihari ubu itabwe.

Kuva iyo soko ihiye igatokombera, abahora bahakorera ubu bamwe bakiyerera mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura cane cane abadandaza ivyamwa, abandi nabo baja kwikika mu bibanza bimwe bimwe biri mu gisagara hagati, abandi bakaja mu micungararo y’igisagara kudandarizayo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.