IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bujumbura: Imvura yaguye yabomoye igice c’ikiraro’’Ntahangwa’’

Bujumbura: Imvura yaguye yabomoye igice c’ikiraro’’Ntahangwa’’

jeudi 27 Munyonyo 2014

Inzuzi zica hagati mu gisagara ca Bujumbura zirakwiye gukingingwa kuko iyo habaye umwuzurira zishobora konona ibintu bitari bike, ndetse no guhitana abantu.

Inyuma y’imvura nyinshi yaguye ku mugoroba wo kuri uwu wa kane 27 Munyonyo 2014, yononye ibitari bike mu gisagara ca Bujumbura, aho tukavuga ikiraro ’’Pont Ntahangwa’’ y’amajepfo, muri komine ya Ngagara. Igihe twaca ngaho, twashoboye kubona ko igice kimwe cahahora haca ibarabara imbere ko bubaka ikiraro cabomotse kigakorokera mu ruzi, hononekaye kandi imiringoti itwara amazi ya Regideso mu ma komine ya ngagara.

Urwo ruzi Ntahagwa bikaboneka ko rwataye inzira, aho ruguma rwiyagurira inzira kunkengera yarwo.


Alida SABITEKA

Messages

  • amakomine ya ngagara ni angahe??? zamwandika neza

  • Umvarero ndababwire harakenewe akayabu kamafranga yogusubiramwo izonzirazose zitwaramazi, impamvumvuzegurrtyo nuko izonzira zitwara amazi zatunganijwe mugihe igisagara ca Bujumbura cari kigifise abakibamwo batashika ibihumbi majana 2 arikubu ndibaza ko abakibamwo bababa umuliyoni, buryarero ukwigisagara ciyongeramwo amazu nabakibamwo niko hakwiye nokwongerwa ahoguta umwavu nokwagura inzira zamazi avuyekumazu babamwo, ntimwiyibagizeko nayomabarabara yakijamwe aratuma amazi atembayiyongeracane buryarero amajambere azanana nibintu bibi. Ariko kuruhanderumwe ndanezerewe kontumvise umuntu vyahitanye.

  • numva ko leta yogwiza amafranga ikoresha mugukingira inzuzi n’ibiyaga .

  • Kombona yahangije abayobozi buburindi mbese ntaministeri yo kurwanya ibiza ngo irengere abangirijwe ibyabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.