Imfashanyo yo gusukura ikibanza Jardin Public yatanzwe

Yanditswe na Aristide Nizigire
Kuya 16 Nyakanga 2014 saa 11:56
Yasomwe :
0 0

Ishirahamwe ryo gukingira ibidukikije ACVE niryo ryahawe imfashanyo n’ibanki ZEP (Zone d’échanges préférentiels) mu ntumbero yo gusanura ikibanza Jardin Public gisanzwe gihuriramwo abantu batandukanye binonora imitsi.
Iyo mfashanyo yahawe iryo shirahamwe rikingira ibidukikije ringana n’imiriyoni zirenga 36 z’amarundi, nk’uko vyavuzwe na Libere Niyobampama aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe. Avuga ko iyo mfashanyo bahawe n’iyo banki, izofasha mu gusukura ico kibanza, kandi akavuga ko ivyo (...)

Ishirahamwe ryo gukingira ibidukikije ACVE niryo ryahawe imfashanyo n’ibanki ZEP (Zone d’échanges préférentiels) mu ntumbero yo gusanura ikibanza Jardin Public gisanzwe gihuriramwo abantu batandukanye binonora imitsi.

Iyo mfashanyo yahawe iryo shirahamwe rikingira ibidukikije ringana n’imiriyoni zirenga 36 z’amarundi, nk’uko vyavuzwe na Libere Niyobampama aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe. Avuga ko iyo mfashanyo bahawe n’iyo banki, izofasha mu gusukura ico kibanza, kandi akavuga ko ivyo bizokorwa mu maguru masha, co kimwe n’ukwubaka bimwe mu bibanza usanga vyarasambutse. Eka n’uwaserukiye iyo banki, akaba yavuze ko ZEP izoguma ifasha abo bose bafise imigambi yo guteza imbere no gukingira ibidukikije. Lukongodo Ken avuga ko ibanki ZEP izoguma ishigikira mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu na cane cane mw’iterambere.

Mwomenya ko ico kibanza ca Jardin Public gisigaye cakira abantu benshi bahagirira imyimenyerezo nonoramubiri, iyo nayo igafasha bamwe mu basanzwe bakunda kwinonora imitsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha