IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Imvura izotangura kurwa neza mu gice ca kabiri ca Nyakanga

Imvura izotangura kurwa neza mu gice ca kabiri ca Nyakanga

vendredi 19 Nyakanga 2014

Imvura izotangura kurwa neza na neza mu gice ca kabiri c’ukwezi kwa Nyakanga , nk’uko bishikirizwa na Godefroid Nshimirimana, umukozi w’ikigo IGEBU.

Abasanzwe bashinzwe ivyerekeye ikirere berekana ko imvura izogwa cane mu gihugu cose, vyavuye mu ruganda rwo kumenyesha no guhimiriza rwatuganijwe n’ikigo IGEBU, gifadikanije n’ umugambi Acces w’ishirahamwe GIZ. Nk’uko bsihikirizwa na Godefroid Nshimirimana, imvura izotangura kugwa neza neza mu gice ca kabiri c’ukwezi kwa Nyankanga, Yabandanije avuga ko mu turere twa Imbo, Mugamba, Mirwa, Buragane,kirimiro, Buyenzi hamwe n’igice ca Bweru ,ibipimo vyerekana ko hazogwa imvura isanzwe ariko hari igihe vyonahsika ikaba nyinshi.

Abaserukira ibindi bisata, abayobozi ku rwego rw’intara mu gisata c’uburimyi n’ubworozi hamwe n’abaserukira ibimenyeshamakuru bakaba bamenyeshejwe uko imvura izogwa mu gatasi. Yari mu ntumbero yo gufata ingingo zikwiriye mu bisata birabwa cane n’ihindagurika ry’ibihe. Nicodeme Nkeshimana nawe asanzwe akorera mu gisata kijejwe gukinga impanuka ,amenyesha ko bamaze gufata ingingo zose zogukinga.

Tubamenyeshe ko urwo ruganda ruri mu rukurikirane rw’aya nama rukokoma y’uburimyi yabaye mu kwezi kwa Ruheshi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.