Accueil > Ibidukikije > Inyubakwa rusangi zasambuwe n’umwuzurira zoba zigiye gukorwa
Inyubakwa rusangi zasambuwe n’umwuzurira zoba zigiye gukorwa
mercredi 23 Ndamukiza 2014
Abashingamateka bahurikiye mu murwi ujejwe ibibazo vy’ibidukikije mu nama nshingamateka barashize hamwe ibikorwa vyavuye mu cegeranyo ku vyerekeye ingene inyubakwa rusangi zimwe zimwe zisigaye zifashe muri kino gihe mu gisagara ca Bujumbura.

Kuri uno wa kabiri abashingamateka bajejwe ibibazo vy’ibidukikije mu nama nshingamateka bashize ahabona ibikorwa vyavuye mu cegeranyo kivuga uko inyubakwa rusangi zifashe mu gisagara ca Bujumbura . Basanze rero amabarabara amwe amwe hamwe n’inzuzi zica hagati y’igisagara ca Bujumbura zigeramiwe mbere ziri mu kubomoka.
Ico cegeranyo rero casohotse inyuma yaho abo bashingamateka bishikiye ku rubuga kwirabira ingene ibintu vyifashe kuva aho ya mvura y’isegenya irwiriye mu gisagara ca Bujumbura igatikiza abantu n’ibintu mu makaritiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Uwo murwi usaba ko hobaho ugusubiza ibintu mu buryo hamwe no gukingira inyubakwa zisigaye hamwe n’uko hatosubira kuba abantu bubaka bidaciye mu mategeko .
KARIRE Floxella