Accueil > Festicab > Ireresi yo mu Burundi niyo yatahukanye ikibanza ca mbere
Ireresi yo mu Burundi niyo yatahukanye ikibanza ca mbere
samedi 21 Ruheshi 2014
Isaburu mpuzamakungu ry’amareresi ryarasozereye kumugoroba wokuri uwu wa gatanu ibikorwa vya FESTICAB, isabukuru y’amareresi vyari bimaze iminsi bikorerwa mu bibanza bitandukanye vyo mu Burundi. Isozerwa ry’ivyo bikorwa vyatangujwe n’ubushimwe bwahawe amareresi y’ubwoko butandukanye yatowe mu yandi hamwe n’ubushimwe bwahawe abanditsi n’abakinyi b’amareresi.

Ku mugoroba w’igenekerezo rya 20 Ruheshi, isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi ryararangije ibikorwa vy’isabukuru "FESTICAB"y’amareresi mu Burundi, vyari bimaze indwi yose. Isozerwa ry’ivyo bikorwa vyaranzwe n’akanyamuneza ntangere haba ku ruhande rw’ababiteguye, haba ku bakinyi n’abanditsi baronkejwe ubushimwe kubera ibikorwa vy’abo.
Ubushimwe bwatanzwe kuva ku rwego rw’igihugu gushika ku rwego mpuzamakungu, haba mu mareresi magufi bita "Court metrages", eka na maremare bita "long metrages", amareresi bita "Fictions", ayo bita"Dessin animes", y’abakinyi n’abanditsi bo mu Burundi no mu makungu. Ireresi yo mu Burundi iri muri zimwe ndende yiswe "I Mashoka" yateguwe na Jean Marie Ndihokubwayo na Pascal Capitolin n’iyo yatahukanye ikibanza ca mbere mu mareresi yo muri Afrika y’ubuseruko.
- Ngabo Leonce arongoye isabukuru ry’amareresi mu Burundi(FESTICAB)
Ngabo Leonce arongoye isabukuru ry’amareresi mu Burundi (FESTICAB), akaba anarongoye umuhora w’amareresi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru arashima intambwe Uburundi bugezeko mu bijanye n’amareresi. Abona ko Uburundi bugiye gushika ku rwego rw’ibihugu vyo mu karere no mu makungu. Abona kandi ko ibijanye n’amareresi mu Burundi ashobora gutera imbere hamwe Reta yobandanya yitaho ico gisata.
Isozerwa ry’ibikorwa vya FESTICAB ku ncuro ya 6 vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye haba abo mu Burundi, mu karere no mu mahanga, hamwe n’abaserukira amashirahamwe atandukanye yatereye kugira iryo higanwa rikunde.
Mwomenya ko ibikorwa vy’isabukuru vyatanguye kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi, vyabereye mu bibanza bishika 10 harimwo n’ivyo hagati mu gihugu.
Amwe mu mashusho yaranze ibirori







Cherif Nkeshimana