IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urwaruka > Kurikirana uko Niyonsaba Peres yatanguye gukora urugomero naho (...)

Kurikirana uko Niyonsaba Peres yatanguye gukora urugomero naho agejeje

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Uburundi burafise urwaruka rw’ubwenge mvukanwa, aho bamwe bakora ibintu. Uyu tugira tubabwire yakoze urugomero ku ruzi ruri munsi y’iwabo. Avuga ko atawabimwigishije ariko yabitanguye akiri muto, ishuri yaje kumukarihiriza ubwenge.

JPEG - 148 ko
Niyonsaba Peres ari kumwe n’abandi bahiganwa

Yitwa NIYONSABA Peres, aratubwira uko yatanguye gukora urwo rugomero, ati: "Urwo rugomero narukoze mu buryo bubayabaye. Nagomeye uruzi rwitwa Muhunguzi, ruri muri zone Mageyo, Komine Mubimbi, nkoresheje ibiti n’amabuye, mbona uruzi rurahagaze, ruca rufata inzira nashaka ko rucamwo, ivyo bita"canal d’amener". Aho ruca rukorokera mu mashini, iyo mashini ica izungurutswa n’amazi igihe ayiciyemwo".

Mbega imashini Peres avuga yayikuye he? Ati:"Ubu ndashima kuko nta rugendo ndinda gufata mu kurondera iyo mashini, ubu ndazikorera muri Atelier yanje, imaze amezi abiri". Imashini ya mbere ifise kilowatt 5, Peres yakoresheje ubwa mbere avuga ko yayihawe n’uwitwa VYISINUBUSA nawe amaze gukora urugomero. Avuga ko yanamugengeye. Ati:" Kubera iyo itashobora gutanga umuyagankuba nshaka, naciye nkora iyindi, nigana iyo nahawe na VYISI, nagenda ndayongeramwo ama "dimension"kugira ndonke iyo yisumba, kare vyarangora nkaja mu yandi ma ateliers bakankorera nabi, ariko ndashima Imana kuko ubu ndakora ama mashini yanje uko nshatse".

JPEG - 151.2 ko
Niyonsa Peres ariko ahiyanishwa imwe mu mashini yikoreye

Peres arashima urugero agezeko, avuga ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa Rusama nzotangura gutanga Kilowatt 50 kandi n’izo ni nke cane. Kare yahora atanga Kilowatt 10 aho i Mageyo. Kuri izo nyene, imiryango 65 iraronka amatara atigera acika.

Uwo muhinga avuga ko abakozi ba REGIDESO bari mu gisata ca ABER(Agence Burundaise d’Electrification Rurale) bamugendeye, maze barabona ko ivyakora bikurikije amategeko. Peres abandanya avuga ko ico gihe bamugendera batanze n’icegeranyo (Rapport) kugira Ubushikiranganji bumufate mu mugongo ariko ntaco arabona.

Kugira rero abanyagihugu baronke umuyagankuba, barafashanya na Peres kugura intsinga, hanyuma bagaheza bakamuriha amahera makeya amufasha kuriha abakozi biwe 4.

NIYONSABA Peres aremeza ko ivyo akora ari ingabirano, kuko yabitanguye ataho arabibona, ariko avuye kw’Ishuri Saint-Luc, yarabandanirije kwiga muri Kenya, aho yavanye ubundi bumenyi.

Mwomenya ko Peres yatanguye gukora urugomero rwa mbere mu mwaka w’i 2010 kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro. Ni we kandi aherutse gutwara agashimwe ka mbere katanzwe mw’ihiganwa rya ACADEMIE des TALENTS.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mana ya Shadurake na Meshake, na Bedunengo, nigikitwokora kugiranatwe adukorere urugonero mwi Commine iwacu kombona tunakenutse inzuzi? Ndamusavye niba asoma ibitwanditse kandindabona kwabisoma kuko arajijutse adushirire ngaha Contacts ziwe zishoboka zose ( emails, phone, facebook nibindivyose bifashabantu muri communication ) Hanyumanamwe bamenyeshamakuru kugira dutezimbere ibikorerwa iwacu Burundi bikozwe nabarundi, ibintumwenibi vyingirakamaro kuribose mubamukwiye kudusanira contact’s zuwomuntu maze mukareba ukuntu tumugira igitangaza mugihe gitocane. Turamisavye aduhe uburyo ryomuronderako tukaburonka nubwoyoduha kilowatt 20 yobakoze.

  • ok nabandany m suwamber kuko j ahomerry hari uwari yabikoz kuva nko 99, mu Cibitok ca Rugombo kwi Samw. Ikibabaj nuko yaciy apancika ahandiho yari yavuz kumusozi wos azowuha umuyaga nkuba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.