Ubushikiranganji bw’indero hamwe n’inyigisho z’imyuga bumenyeshako ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure za Kaminuza “Exetat” kizotangura kw’igenekerezo rya 7 myandagaro 2018 gisozerwe kw’igenekrezo rya 10 myandagaro uyu mwaka wa 2018.
Indero
-
Umusi ikibazo ca Reta “ Exetat” kizokorerwako wamenyekanye
27 July 2018, by vianney -
Amafaranga abanyeshure bo mw’ishure nshingiro n’inyuma yaryo bazotanga yashizwe ahabona
20 July 2018, by vianneyUbushikiranganji bw’indero bufadikanijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye itegeko rigenga amafaranga y’ishure abanyeshure babwirizwa gutanga aho umunyeshure yiga mw’ishure ry’indaro wo mw’ishure nshingiro rya Reta azotanga amafaranga angana ibihumbi 47 vy’amafaranga y’amarundi ku gice.
-
Uwuserukira Ubuyapani yashikirije inyubako bubatse z’ishure nshingiro ya Mutaho
28 June 2018, by vianneyIgihugu c’Ubuyapani cashikirije kuruno musi wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi 2018,inyubako cubatse kw’ishure shingiro rya Mutaho riri k’umusozi Bigera zone Gwisabi komine Mutaho mu ntara ya Gitega, bigizwe n’ibirasi 6 vy’amashure ,inyubako abigisha bakoreramwo hamwe n’utuzu 2 twa sugumwe.
-
Prosper Bazombanza: Ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora guhinduka
30 Ndamukiza 2015Inyuma y’aho ku mashuri amwe yo mu gisagara ca Bujumbura nayo mu gihugu hagati ata mirimo iriko irarangurwa, abategetsi b’igihugu bavuga ko ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri kidashobora guhinduka.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko naho hari abanyeshuri batariko barabandanya ivyigwa kubera ubwoba buvuye ku myiyerekano iriko iraba biyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza, arongore Uburundi, ikiranga minsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora guhinduka.
Ku ruhande (...) -
Hari ishure ribuza abigeme kwiruka kugutinya ko bota ubusugi bwabo
24 Ndamukiza 2015, par IGIHEMu gihugu ca Australiya hari ishure ribuza abigeme kwiruka, kuko bohava bata ubusugi(virginité) bwabo, iryo shure rikaba ryegukira idini rya Islamu.
Abategetsi bo muri ico gihugu rero batanguye amatohoza, umushikiranganji w’inyigisho muri Reta ya Victoria , James Merlino akavuga ko vyoba bitangaje cane hamwe vyoba arivyo. Uwo mushikiranganji akaba yabishikirije inyuma yaho aronse ikete ryanditswe n’umwigisha yahoze akora kuri iryo shure , aho yamenyesha ko abo bigeme batemererwa kuja (...) -
Yegereyegere irabandanya inyuma y’inama rukokoma y’indero
9 Kigarama 2014Inama rukokoma y’indero ntiyatumye abanyeshure bo muma kaminuza bahagarika yegereyegere barimwo, n’ubwo abatari bake bari bizeye ko inyuma y’iyo nama hagira ikintu gihinduka.
Bamwe mu banyeshure baserukira abandi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko ata gishasha bakuye muri iyo nama rukokoma ku kijanye n’ibibazo bibahanze uno munsi, nk’uko Simon Rurasuma, umwe mu baserukira abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi abitumenyesha, ari naco gituma bahisemwo kubandanya iyo yegereyegere, ariko (...) -
Abitavye inama rukokoma y’indero basaba Reta kuzoshira mu ngiro ivyumvikanwe
8 Kigarama 2014Inama rukokoma yasozerewe abayitavye bemeranije gushiraho umurwi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ivyo bashoboye gupfundikira hamwe.
Ku munsi wa gatanu niho harangira inama rukokoma y’indero. inama yari imaze iminsi ine iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa 2 Kigarama gushika kuwa 5 Kigarama. Iyo nama ikaba yari ifise intumbero yo kurabira hamwe ivyokorwa kugira batorere inyishu ibibazo bihanze ico gisata c’indero mu Burundi.
Ibibazo vyagiye bishikirizwa bikuru bikuru n’ibijanye (...) -
"Umugambi w’ishure shingiro watanguye nabi"
4 Kigarama 2014Umugambi w’ishure shingiro watanguye nabi, wari ukwiye gutangurira mu mashure y’intango, aho gutangurira mu mwaka w’indwi, nk’uko bishikirizwa na Pascal Mukene yatanze ikiganiro ku munsi ugira kabiri muri ya nama rukokoma ijanye n’indero iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura.
N’ubwo ishure shingiro rifise akarusho nk’ibitigiri vyiyongera vy’abana bamenya mu mwaka wa gatandatu nk’uko Pascal Mukene abishikiriza, ishure shingiro rirafise intambamyi zitari nke. Kubwa Pascal Mukene, uwo mugambi wari (...) -
Pascal Mukene : Ibitigiri vy’abanyeshure bahitira biracari vyinshi
4 Kigarama 2014Mu Burundi dufise ibiharuro vyinshi cane vy’abasibira na cane cane mu mashure y’intango kuko hageze igihe usanga bageze kuri 34 kw’ijana, ica gatatu c’abanyeshure.
Ivyo n’ibishikirizwa na Pascal Mukene yatanze icigwa kijanye n’inyigisho zishasha Uburundi bwinjiyemwo z’ishure shingiro. Ibituma rero umunyeshure asibira (Redoubler), biva kuri vyinshi. Hari igihe umwana aba ari mw’ishure ry’umwigisha akaze akabaza ibintu bigoye birengeye ubumenyi abanyeshure baba bahawe canke naho bikava na rimwe na (...) -
BMD : Agaciro k’impamyabushobozi ntikitezwe kumenyekana mu nama rukokoma y’indero
4 Kigarama 2014Abanyeshure bo muma kaminuza ntibokwitega ko bazova mu nama rukokoma y’indero bamenye agaciro k’impamyabushobozi bazoronswa mu ndinganizo nshasha z’inyigisho BMD (baccalaureat-master-doctorat).
Ivyo bishikirizwa n’umwigisha muri za kaminuza, akaba asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa w’umurwi w’igihugu ujejwe amakaminuza, Sylvie Hatungimana. Yatanze icigwa ku vyerekeye uburyo bushasha bwo guhingura inyigisho muma kaminuza mu nama rukokoma y’indero.
Ku munsi ugira kabiri w’inama rukokoma (...)