IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Yegereyegere irabandanya inyuma y’inama rukokoma y’indero

Yegereyegere irabandanya inyuma y’inama rukokoma y’indero

mardi 9 Kigarama 2014

Inama rukokoma y’indero ntiyatumye abanyeshure bo muma kaminuza bahagarika yegereyegere barimwo, n’ubwo abatari bake bari bizeye ko inyuma y’iyo nama hagira ikintu gihinduka.

Bamwe mu banyeshure baserukira abandi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko ata gishasha bakuye muri iyo nama rukokoma ku kijanye n’ibibazo bibahanze uno munsi, nk’uko Simon Rurasuma, umwe mu baserukira abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi abitumenyesha, ari naco gituma bahisemwo kubandanya iyo yegereyegere, ariko akavuga ko umwanya n’umwanya bashobora kuvugana n’abagenzi babo bagafata izindi ngingo zikenewe.

JPEG - 34.3 ko
Simon Marie Rurasuma

Tubibutse ko umwigisha yatanze ikiganiro ku vyerekeye uburyo bushasha bwa BMD muri iyo nama rukokoma y’indero, Sylvie Hatungimana, yakuriye inkoni ku gishitsi abo banyeshure ko batagiye kuva muri iyo nama rukokoma bamenye agaciro k’impamyabushobozi bazoronswa mu nyigisho nshasha BMD. Ku bwiw’uwo mwigisha, abo banyeshure abasaba kurindira ibikorwa vy’umurwi uzohuza abo mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ubushikiranganji bw’abakozi, ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe n’ubushikiranganji bw’amakaminuza. Abo nabo akaba aribo bazoheza bakiga agaciro k’iyo mpamyabushobozi ugereranije n’uburemere bw’ivyigwa biga muri izo nyigisho nshasha (BMD).

Umunyeshure Simon Rurasuma we avuga ko izo nsiguro zidafashe, ku bwiwe ntiyumva igituma batavuga agaciro k’iyo mpamyabushobozi kandi umurwi wa mbere waramaze guheza igikorwa co gupima uburemere bw’ivyigwa.

Tubibutse ko abo banyeshure bamaze amezi abiri arenga bari muri yegereyegere, bagasaba ishirwaho ry’amategeko agenga iyo mpamyabushobozi nshasha. Iyo yegereyegere ikaba yatanguwe kuwa 3 Gitugutu uno mwaka ari amakaminuza ya Reta n’ayigenga, abo muyigenga baheza bakuramwo akarenge, ubu hakaba hasigaye muri yegereyegere abo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS.


Floxella Karire

Messages

  • Kugira bavuge ako gaciro bisaba iki?kurasa ikiremve?mugabo jewe ndabatahura kuko harimwo aboca bagira diplomes ziri inyuma cane yiyotangwa. Baracaraba bibondo ingene bafyondafyonda ngo bahende abe Burundi.None kubera iki uwo mutima mubi?Ntawonyishura gayemwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.