Accueil > Imibano > Indero > "Umugambi w’ishure shingiro watanguye nabi"
"Umugambi w’ishure shingiro watanguye nabi"
jeudi 4 Kigarama 2014
Umugambi w’ishure shingiro watanguye nabi, wari ukwiye gutangurira mu mashure y’intango, aho gutangurira mu mwaka w’indwi, nk’uko bishikirizwa na Pascal Mukene yatanze ikiganiro ku munsi ugira kabiri muri ya nama rukokoma ijanye n’indero iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura.

N’ubwo ishure shingiro rifise akarusho nk’ibitigiri vyiyongera vy’abana bamenya mu mwaka wa gatandatu nk’uko Pascal Mukene abishikiriza, ishure shingiro rirafise intambamyi zitari nke. Kubwa Pascal Mukene, uwo mugambi wari ukwiye gutangurira mu mashure y’intango. Ingorane n’uko bahereye hejuru usanga bashize ibintu vyinshi aho nyene umwana ahereye mu mwaka w’indwi kandi yari kuburonka buhoro buhoro, nk’uko abandanya abishikiriza. Iyindi ntambamyi niy’abigisha batateguwe mu guhabwa inyigisho imbere y’uko Uburundi bwinjira muri uwo mugambi mushasha w’ishure shingiro, hamwe n’ubukene bw’abigisha.

Pascal Mukene avuga ko vyari bikwiye ko abigisha bobandanya babakahiriza ubwenge. "Abigisha bobandanya babakahiriza ubwenge, na cane cane mu buhinga bwa none, canke ibijanye no gutunganya imigambi kugira umuntu wese aze arimenya muvyo ashoboye no muvyafise, ntiyame ateze amashi Reta kugira imuhe akazi."
Floxella Karire
Messages
6 Ruheshi 2016, 21:03, par NDAYIKENGURUKIYE elyphaz
Ego Vraiment Ivyo Vyarivyo Ishure Shingir Yatanguye Nab.Kandi Iryo Nigabany Ryanyeshur.
6 Ruheshi 2016, 21:05, par NDAYIKENGURUKIYE elyphaz
Ego Vraiment Ivyo Vyarivyo Ishure Shingir Yatanguye Nab.Kandi Iryo Nigabany Ryanyeshur.
16 Nzero 2017, 19:42, par Muhigigwa leonard
nivyo vraiment kwer mukwiye kuraba mugahindura kuko hari abanyeshure beshi batiga bivanye niyo ngingo ya fondamental