IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Hari ishure ribuza abigeme kwiruka kugutinya ko bota ubusugi (...)

Hari ishure ribuza abigeme kwiruka kugutinya ko bota ubusugi bwabo

vendredi 24 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Mu gihugu ca Australiya hari ishure ribuza abigeme kwiruka, kuko bohava bata ubusugi(virginité) bwabo, iryo shure rikaba ryegukira idini rya Islamu.

Abategetsi bo muri ico gihugu rero batanguye amatohoza, umushikiranganji w’inyigisho muri Reta ya Victoria , James Merlino akavuga ko vyoba bitangaje cane hamwe vyoba arivyo. Uwo mushikiranganji akaba yabishikirije inyuma yaho aronse ikete ryanditswe n’umwigisha yahoze akora kuri iryo shure , aho yamenyesha ko abo bigeme batemererwa kuja mw’ikarashishi ryo kwiruka nk’abandi. Uwo mwigisha yabandanije avuga ko umuyobozi w’iryo shure yiyamiriza cane iyo karashishi kuko avuga ko nko mu gihe umwigeme aba ariko ariruka hanyuma akikubita hasi, akavunika ukukuguru aca acika ingumba.

Ivyo rero bikaba vyiyamirizwa n‘umurwi wo kwiruka wo kuri iryo shure kuko abana bo mu mashure mato mato, batemererwa no kuja mu mahiganwa y’ishure. Iryo shure rikaba ryigako abana bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye bari hagati y’imyaka 5 na 18.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.