IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Rumonge : Abanyagihugu buca biruhutsa kw’ikena ry’amazi

Rumonge : Abanyagihugu buca biruhutsa kw’ikena ry’amazi

jeudi 28 Myandagaro 2014

Amazi arakenye muri komine ya Rumonge, ivyo bigashobora gutuma indwara ziva kw’isuku rike zirandarara mu banyagihugu.

Iryo kena ry’amazi riremezwa na buramatari w’intara ya Bururi. Gloriose Nimenya akavuga ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira amasoko ari mu makomine ahanamiye igisagara ca Rumonge, ashobore kuzanwa muri iyo komine. Avuga ko abagenzi b’iyo ntara bo mu gihugu c’Ubudagi, bariko barakora ibishoboka vyose kugira amasoko y’amazi yo muri komine ya Burambi na Buyengero, ashobore kumanukanwa mu gisagara ca Rumonge, ndetse umugambi wa mbere wo kumanukana ayo mazi, akavuga ko ugeze mu Gatete, muri komine ya Rumonge.

Igisagara ca Rumonge kikaba ari kimwe mu bisagara vyo hagati mu gihugu bibamwo abantu benshi. Mu gihe ico gisagara cegereye ikiyaga Tanganyika, abanyagihugu ugasanga bamwe bihereza ayo mazi, bivanye n’ubukene bw’amazi meza. Ukwo kwihereza amazi y’ikiyaga, bigatera indwara ziva kw’isuku rike, cane cane indwara z’inzoka ku bana n’abakuze.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nagomba ko ngerako ko Leta y’uburundi ifashizwe na KFW y’abadagi igiye kurosa amazi vuba igisagara ca Rumonge. ivyirwa biri muguhera. Rero aba nyarumonge bokwihangana kuko ikibazo cabo leta yagifashe nkama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.