Accueil > Ibidukikije > Uburundi bwifatanije n’akarere mu gukingira ibidukikije
Uburundi bwifatanije n’akarere mu gukingira ibidukikije
mercredi 27 Ntwarante 2013
Umurwi uraba ivy’amashamba muri Afrika yo hagati ( COMIFAC : Commission des Forêts d’Afrique Centrale ), biciye mu gisata cawo FAO kiraba ivy’uburimyi, warateguye kuri uyu wa kabiri gushika ku wa gatatu igenekerezo rya 27 Ntwarante 2013 mu nyubakwa za hôtel Club du Lac Tanganyika, uruganda rw’ishirwaho mu Burundi ry’igisata gikurikirana itunganywa ry’amashamba n’ugukingira ibidukikije mu karere.
Mw’ijambo ryiwe ry’ukwugurura ivyo bikorwa, uwaserukiye umushikiranganji w’ibidukikije, Deo Barutwanayo yamenyesheje ko Uburundi bwamaze gutera umukono ku masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ajanye n’ihindagurika ry’ikirere. Yibukije ko hari ivyakozwe ku rwego rw’igihugu kandi ko n’ubu hari ibikiri mu ndinganizo.
Kubw’uwo yaserukiye umushikiranganji, Uburundi buhamagariwe gucunguza umwanya umwete kugira bwirihe ugucererwa uravye aho ibindi bihugu bigeze, ivyo mu muryango COMIFAC canke muri Afrika y’ubuseruko.
Uwuserukira FAO mu Burundi, Mohamed Garba, yashikirije ko uwo mugambi uzofasha abari muri uwo muryango COMIFAC n’Uburundi burimwo kugira integuro itomoye mu kurwanya ivyuka vyica ikirere.
Foto: PPDBI
Mariella Bukuru