Accueil > Gallerie > Umusi mpuzamakungu wahariwe gutumatumanako amakuru
Umusi mpuzamakungu wahariwe gutumatumanako amakuru
vendredi 17 Rusama 2013
Mu Burundi, uwo musi mukuru wahimbarijwe muri Hotel Source du Nil mu birori vyari vyitabwe n’abahinga n’abakora muri ico gisata.
Mw’ijambo ry’ugutanguza ibikorwa vy’uwo musi, uwaserukiye umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka yamenyesheje ko naho ubwo bushikiranganji bumaze igihe gito bushizwe, imyaka igera kuri cumi n’indwi ariyo iheze ico gisata gitanguye gukora mu gihugu kandi ko kiriko kiratera imbere ku buryo bushimishije.
Paterne Nsengiyumva