Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Ibidukikije
Inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura ntizikingiwe
Yanditswe taliki ya 4-11-2014 - isaha 15:09'

Uruzi rwa Kanyosha co kimwe na zimwe mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura bamwe bazifata nk’urukiza kuri bo, abandi nabo bakazifata nk’ikibanza co gutmwo imyanda itandukanye.

Yaba abazimbamwo amabuye canke imisenyi, eka mbere no guta imyanda muri izo nzuzi, ni kimwe mu bihungabanya ibidukikije. Uruzi rwa Kanyosha co kimwe n’izindi nzuzi, zikaba zigeramiwe n’abo bazimbamwo bimwe mu vyo gukoresha kwubaka amazu, n’abazitamwo ibisigarira vy’ivyo bafunguye, n’amayarara atandukanye.

Abatandukanye mu banyagihugu baba hafi y’izo nzuzi, bakaba bemeza ko bamwe zibatunze na cane cane abaziroporamwo amabuye n’umusenyi, abo mbere bakavuga ko iyo hataba izo nzuzi bataba bashobora kugaburira imiryango yabo.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.