Umushikiranganji w’urwaruka,inkino n’imico kama amenyesha ko itegeko rigenga ingoma riheruka guterwako umukono n’umukuru w’igihugu atari amananiza. Ku ruhande rw’abatimbo, bamwe bemeza ko iryo tegeko ari ngirakamaro, abandi bakavuga ko rije gutuma badassubira kumenyekana.
Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi
Ingoma z’Uburundi
-
Itegeko rigenga ingoma mu Burundi ntirivugwako rumwe n’abo ryega
21 novembre 2017 -
Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bwatanguje indwi yahariwe ingoma z’Uburundi
21 novembre 2017Kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kurya 26 Munyonyo 2016 ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imico kama buhagarikiwe n’umukuru w’igihugu bwaratunganije indwi yahariwe ingoma z’Uburundi. Mw’ijambo ryo kwugurura k’umugaragaro iyo ndwi,umushikiranganji amenyesha ko Reta ataco itazokora kugira ingoma z’Uburundi zitere imbere.
-
Umukuru w’igihugu yashize umukono kw’itegeko ribuza abigeme n’abakenyezi kuvuza ingoma
25 octobre 2017Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashize umukono kw’itegeko ribuza abantu b’igitsina gore kuvuza ingoma, barekurirwa gusa gutamba intambo z’ikirundi z’abigeme ziherekeza umudiho w’ingoma.
-
Uburundi bugiye guhimbaza ku ncuro ya mbere indwi yahariwe umurisho w’ingoma
20 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANAReta y’Uburundi igiye gutanguza ku ncuro ya mbere ihimbazwa ry’indwi yahariwe umurisho w’ingoma mu Burundi. Mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi basigura ko ari mu ntumbero y’uguha agaciro ingoma z’Uburundi ziheruka kwemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONESCO ku rutonde rw’itunga mpuzamakungu ndangakaranga.
-
Ishirahamwe DETA risaba ko imigigwa n’imigenzo y’Ingoma yogarukirwa
16 Kigarama 2014Inyuma y’imyaka 61 abatimbo b’Uburundi badahuzwa n’ingoma, haratangujwe umunsi mukuru w’ingoma uzokwama uba buri mwaka. Mu kigabiro c’Umwami wa mbere Ntare Rushatsi abatimbo babitse ibanga ry’ingoma barahuye n’abo mu gisagara ca Bujumbura, intumbero y’umunsi kwari guhanahana ivyuyumviro ku cokorwa kugira ingoma yiyambike umutama yamanye.
Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 13 Kigarama mu kibanza c’ingezi kiri mu kigabiro c’umwami Ntare Rushatsi kiri ku musozi Higiro i Gitega, ishirahamwe "DETA (...) -
DETA Ingoma Iranishe : Umunsi mukuru w’Ingoma z’Uburundi ugiye gutanguzwa burundu
10 Kigarama 2014Ishirahamwe "DETA Ingoma Iranishe" ririko ritegura umunsi mukuru wahariwe ingoma z’Uburundi. Intumbero w’uwo munsi mukuru n’uguhuza abavuza ingoma nk’ababitse ibanga ry’azo n’urwaruka ruzivuza kubera ruzikunda.
Mu ntumbero nyamukuru yo gutanguza umunsi mukuru w’ingoma z’Uburundi uzohora uba ku mwaka ku mwaka ku bw’iteka cane cane ry’abatimbo n’Abarundi bose bakunda ingoma nk’akaranga kabo, ishirahamwe "DETA Ingoma Iranishe" rizogendera intara ya Gitega. Iyo ntara yatowe kuko ifatwa nk’amamuko (...) -
Ingoma z’Uburundi zigiye kwandikwa ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi kama
11 Munyonyo 2014Ingoma z’Uburundi zigiye kwandikwa ku rutonde nserukirakaranga mpuzamakungu rw’iragi kama. Abatimbo b’Uburundi n’uburundi bazoharonkera akarusho kuko ingenzi zizokwiyongera. Umurwi nserukiragihugu w’abatimbo uriko witegurira urwo rugendo uzomaramwo hafi iminsi indwi.
Mu kiganiro umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yatanze ku bamenyeshamakuru, avuga ko gushira ingoma z’Uburundi ku rutonde nserukikaranga mpuzamakungu rw’iragi kama, Uburundi buzoba buriko bushira mu ngiro isezerano rya (...)