Abanywa itabi batera akamo abatarinywa kutarikoza mu kanwa

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 31 mai 2018 saa 11:43
7755
0 0

Bamwe mu basanzwe banywa itabi, bamenyesha ko bipfuza kuriheba ariko bibagora kuvavanura naryo kuko uwumaze kurinywa bitamworohera kugira arihebe. Bagasaba ko uwutaratangura kurinwa, atobikora kuko ari ribi kandi rigoye guheba.

Umwe mu banywa itabi yaganiriye n’ikinyamukuru “IGIHE” yavuze ko, umuntu yaranyoye itabi bigora kugira arihebe kuko ata munsi wohera atumvise inyota yaryo.

Uwo asanzwe anywa itabi yavuze : “Waranyoye itabi riragoye guheba,ingaruka zaryo ndazizi ariko biragoye hamwe noronka umuti wo kuriheba vyonryohera.

Uwundi nawe yavuze ati : “Maze gukora ibintu vyinshi ariko vyaranse ko ndariheba.”

Umwe mu batanywa itabi yaganiye n’ikinyamakuru “ IGIHE ” yavuze ko itabi ritera ingwara nyinshi, ataco ryinjiza mu mubiri abarinywa bakwiye kuriheba.

Abo basanzwe banywa itabi batera akamo umuntu ataranywa itabi kutahirahira ngo arinywe kuko rimeze nk’uburozi umaze kurinywa utariheba.

Umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi wama uhimbaza kw’igenekerezo rya 31 Rusama buri mwaka, hano mu gihugu cacu ukazohimbazwa ejo ku munsi wa gatanu kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018.


Kumenyekanisha

1
HITIMANA GVS 4-06-2018 à 09:43

Andika hano Jewe Naranyoye Itabi Ariko Nara rihevye Kuriheba Nuku Jewe Naryishizemwo Nabi Ndumva Koryica Amahaha Ndishiramwo Ko Rintera Kubabara Mugikiriza Nukuvuga Ubonye Abadometse Itabi Bavemwo Ugende Ushatse Itabi Gura Jojo Canke Imbombo Bihera Buke Buke Gikuru Murivyo Wame Ahuri Hose Uryishiremwo Nabi Uzobona Kwaruburozi Umutima Wawe Ntuzakwemerera Kunwa Uburozi Bwica Nuko Nahevye Itabi Murakoze

2
SIBONIYO 31-05-2018 à 19:45

JEWE NIPFUZA KO IVYO KURIDUZA AMAKORI VYOHAGARARA KUKO RETA IBA IRIKO IRATUDANDAZA KUKO NTIBOREKA KURIHA NUBWO BODUZA AMA TAX

3
Gervais Katiyunguruza 31-05-2018 à 14:21

Intererano yacu ni ukumenyesha abagerageje guheba itabi bikanka ko umuti twawuhinguye (Kigarama 2014) kandi umaze gufasha benshi hano mu gihugu no mukarere. Witwa Niconat wahinguwe n’ishirahamwe AOFC (African Oléo Food and Cosmetics), www.niconat.biz, 257 69 850 557(Whatsapp).Tugire amagara azira itabi.

4
Mahoro 31-05-2018 à 13:10

Umuti waryo uriho.
Ikibazo nuko turirwanya tukongera tukaritozako ama taxes ! Hamwe rimwe ryogurwa igihumbi abantu benshi boriheba.
Leta nibuze kuririma
Amahinguriro yaryo yugarwe urabeko bitagabanuka !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha