Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abavyeyi bahamagarirwa kwitaba ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abavyeyi bahamagarirwa kwitaba ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi (...)

Abavyeyi bahamagarirwa kwitaba ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo

lundi 12 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Muganga Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu, mu nama yahariwe amagara y’umuvyeyi n’umwana yabaye kuri uwu wa mbere, yamenyesheje ko indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo igiye gutangura, ko ari akaryo ko guhimiriza abana bose hamwe n’abavyeyi, bashobore kuronka incanco, kuko mu mwaka uheze hagiye haribonekeza abavyeyi n’abana batitabiriye akamo batewe.

Muganga Josiane Nijimbere yamenyesheje ko ibikorwa bizokorwa muriyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo ko ari gutanga ivyunyunyu vya vitamin A, icunyunyu ca Albendazole hamwe n’urucanco rw’agasama.

Umushikiranganji NIJIMBERE yahamagariye abajejwe intwaro bose kuzofasha guhimiriza abanyagihugu bose kugira bitabire izo canco, abarongoye amashengero nabo akaba yabasavye nabo nyene gufasha guhimiriza.

JPEG - 4.8 Mo
Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu

Iyo nama ku ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo yabereye ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi, ikaba yakoranije ba Buramatari bose, abakozi bo mu bushikiranji bw’amagara y’abantu hamwe n’abasanzwe bafasha ubwo bushikiranganji.

Ibikorwa vy’ukwugurura iyo ndwi bikazobera mu ntara ya Rumonge kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi, bisozerwe kw’igenekerezo rya 22 Rusama 2017.

Mwomenya ko icivugo c’iyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo ari : "Twese duhagurukire rimwe duteze imbere amagara y’umuvyeyi nay’ikibondo."


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.