Mw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yandikiye ubuyobozi bw’ishengero ry’aba adivantisite b’umunsi w’indwi, abamenyesha ko bamaze iminsi baronka amakete y’abayoboke baryo asaba ko bagira ubugeni hagati mu ndwi.
Muri iryo kete ry’umushikiranganji ryo kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2014, Pascal BARANDAGIYE aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko gutanga uburenganzira bwo kugira ubugeni hagati mu ndwi vyahagaze, hisunzwe ivyavuye mu mwiherero w’abagize Reta wabaye kuva kw’igenekerezo rya 27 gushika kurya 28 Myandagaro 2017.
Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE menyesha ko ukwemera kw’aba adivantisite b’umunsi w’indwi kudashobora gutuma baca kubiri n’iyo ngingo, kandi ko noneho Reta y’Uburundi isanzwe idahengamiye kw’idini na rimwe, nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro.
Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE ahamagarira uwuserukira imbere y’amategeko ishengero ry’abadivantisite b’umunsi w’indwi, kumenyesha abayoboke baryo ibijanye n’iyo ngingo, kugira bayigendereko.
Nimutunanye Imigenzo Yiryo Dini Kubere Badahuriza Kumus Umwe Nayandi Madini.