Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatike y’igiteramo ca Big Farious agurishwa na Smart ku buhinga butari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Smart > Amatike y’igiteramo ca Big Farious agurishwa na Smart ku buhinga butari (...)

Amatike y’igiteramo ca Big Farious agurishwa na Smart ku buhinga butari bumenyerewe

mercredi 28 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’ishirahamwe ryafashije mw’itunganwa ry’ico giteramo ca Mugani Désiré azwi kw’izina rya Big Furious, Smart Burundi iriko idandaza amatike y’ukwinjira muri ico giteramo ku banywanyi ba Smart gusa, bakazoronswa ayo matike biciye ku buhinga ngurukanabumenyi (Tickets électroniques).

Amatike ariko aradandazwa ari mu mice ibiri : amatike asanzwe, hamwe n’amatike adasanzwe (Tickets VIP).

Amafaranga aciye muri Terefone agura itike biciye muri Terefone

Amatike asanzwe agurwa amafaranga ibihumbi bibiri bitangwa muma inite, nayo amatike adasanzwe (Tickets VIP) akagurwa amafaranga ibihumbi cumi nayo nyene arihwa muma inite. Umunywanyi wa Smart agura amatike yose ashaka, agahabwa kuri imwe yose ubutumwa (SMS) bwo muri Smart bumubwira akanyegezwabanga kerekana ko yaguze itike.

"Ako kanyegezwabanga niko azokwereka abakozi ba Smart ku bwinjiriro bw’ahazobera igiteramo ca Big Farious.", ivyo ni ibishikirizwa na Joseph Michel VYANKAMVUGA, umwe mu bajejwe kumenyekanisha ibikorwa vy’ishirahamwe Smart Burundi.

Twobamenyesha ko ayandi matike atadandajwe na Smart Burundi azogurishwa ku munsi w’igiteramo gusa, ku bwinjiriro bw’aho kizobera. Itike isanzwe izoba iriko igurishwa amafaranga ibihumbi bine, nayo itike idasanzwe (Ticket VIP) ikazoba iriko igurishwa amafaranga ibihumbi cumi na bitanu vy’amarundi (15000 Frs Bu).

Munywanyi, Smart Burundi yatoreye umuti ikibazo c’ugutonda umurongo urondera itike y’ukuja kwirabira ca gihangange Big Farious. Fyonda * 888 * 0 #


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.